IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Hariko harabera uruganda rw’inyigisho ku bakozi ba Reta ya (...)

Bujumbura: Hariko harabera uruganda rw’inyigisho ku bakozi ba Reta ya Somaliya

mardi 15 Nzero 2013

Hari abakozi benshi ba Reta ya Somaliya bari i Bujumbura aho bariko bakurinkirana uruganda rw’inyigisho zo kubakarihirizaa ubwenge kugira bayobore neza igihugu.

Urwo ruganda rwateguwe n’ishirahamwe rya Afirika ricungera umutekano muri Somaliya Mission de l’Union Africaine pour le maintien de la Paix en Somalie (AMISOM) ifashijwe na Reta y’u Butariyano. Ambasaderi Basile Gateretse amenyesha ko naho Somaliya igenda ironka umutekano bukebuke ngo irakeneye abakozi baciye ubwenge bo gukorera Reta neza.

JPEG - 52.1 ko

Uwuserukira u Burundi muri Somaliya yamenyesheje ko muri Somaliya bazosubiramwo ibintu vyose vyasambuwe n’intambara muburyo bwose haba kubijanye no kunguruza abantu n’ibintu , amashure n’amavuriro ndetse no mu buryo bwabo bwa poritike, hakaba haheze imyaka irenga mirongo ibiri igihugu kiri mu ntambara y’urutavanako


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.