IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bujumbura:Isakwa ry’igipolisi nyene urugo atariho ari rirateye ubwoba (...)

Bujumbura:Isakwa ry’igipolisi nyene urugo atariho ari rirateye ubwoba abanyagihugu

dimanche 16 Kigarama 2012

Kuri uyu wa mungu italike 16 Kigarama 2012, abapolisi benshi bazindutse bakikuje urugo rwa Serges Kananiye icegera c’uwurongoye ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC-Genocide –Cirimoso. Ngo bari bagiye kuhasaka ibirwanisho ariko nyene urugo n’umukenyezi wiwe siho bari.

Serges Kananiye icegera c’uwurongoye ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC-Genocide-Cirimoso aba muri karitiye ya Kabondo mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uyu wa mungu italike 16 Kigarama, hazindutse hakikujwe n’abapolisi benshi barikanuye. Igihe c’isaha 12 z’agatondo, baciye batangura gusaka, barabomora umuryango w ‘inzu kugira bashobore kwinjira ariko nyene urugo n’umukenyezi wiwe siho bari.

Ababanyi b’uwo muryango vyabateye amakenga barashwabaduka. Abo babanyi bavuga ko ibintu vyose impuzu n’ibitabo vyaterewe hanze birasanzara. Icumba ca nyene urugo cari cugaje igufuri ikomeye. Ababanyi basavye ko ico cumba kitobomorwa nyene urugo atariho ari. Abapolisi ntibavyemeye kuko baciye bakibomora bakoresheje ivyuma bikomeye.

Abapolisi bavuga ko batumwe n’umutahe washizweko igikumu n’umushikirizamanza mukuru wa repubulika kugira barondere ibirwanisho vyoba binyegeje muri iyo nzu.
Ababanyi basavye ko hosigara abapolisi bakeya kugira barindire nyene urugo hanyuma bugurure ariho ari ariko abatwara igipolisi bategetse ko habomorwa. Abo bababnyi ngo baciye bakinjura barata baromoka. Bavuga ko bibabaje kubona urugo rw’umuntu yigeze kuba ari umushikiranganji w’igihugu rubomorwa nk’urw’umumenja canke umugizi wa nabi. Basaba ko icubahiro c’abahoze ari abategetsi cobagumako.
Haheze nk’amasaha abiri, igipolisi cavuze ko cahasanze inkoho 2, ibikono vy’inkoho 3 n’insase nyinshi.

Ababanyi b’uwo muryango bobo bamenyeshako biteye amakenga, ngo abo bapolisi bashobora kuba aribo bazanye ivyo birwanisho babishiraho kugira badendereze serges Kananiye asanzwe ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC-Genocide-Cirimoso. Ngo yoba afise ivyo apfa n’ubutegetsi bishobora kuba bifitaniye isano n’imvoza politike.

Umugambwe UPRONA uriyamiriza iyo ngendo y’igipolisi yo kuja gusaka mu rugo rw’umuntu kandi nyene urugo atariho ari. Evariste Ngayimpenda arongoye ishami ryisinze gusubiza umutamana uwo mugambwe avuga ko amategeko yahonyanzwe. Yamenyesheje kandi ko atawokwemera ivyatowe muri iyo nzu ariyo vyari kuko ata cabona kihari, ngo ntankeka ivyo birwanisho vyazanywe n’igipolisi kugira kidodobereze Serges Kananiye kubera imvo za politike. Asaba ko ivyo bintu vyohagarara kuko ngo ni itotezwa ry’abantu kubera ivyiyumviro vyabo.

kw’ifoto: Abapolisi


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.