Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Isuku mu gisagara rigiye kuba itegeko
Bujumbura: Isuku mu gisagara rigiye kuba itegeko
mardi 12 Ruhuhuma 2013
Umukuru w ‘igisagara ca Bujumbura Saïda Juma yamenyesheje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Nzero 2013 ko urupangu rwose rutegerezwa kugiriranira amasezerano n’amashirahamwe ajejwe gukura imicafu mu ntumbero yo gusukura igisagara.
Munama yo gusigurirra abategetsi bo hasi intumbero nshasha y’ingene bogwanya umwanda Saïd Juma yamenyesheje ko bariko baravugana n’abahinga muri ico gisata kugirango barabe ico bofasha.
Saidi Juma akaba yamenyesheje ko iyo ngingo izotangura kuja mungiro kuva muri Ntwarante uyu mwaka. Ku bijanye nibibanza imiduga ihagararamwo bitagira utuzu twa sugumwe, Saïd Juma avuga ko bariko baravugana n ‘abahinga muri ico gisata kugirango utwo tuzu twubakwe.
Ikindi yashikirije n’uko bariko bariga ikibazo c’uko imiduga yunguruza abantu yosubira guhagarara iruhande y ‘isoko nkuru ya Bujumbura aho zahora zihagarara imbere yuko isoko isha.
Marie Claire Ingabire