IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura Rural: Musitanteri wa Komine Isale yarishwe n’abantu (...)

Bujumbura Rural: Musitanteri wa Komine Isale yarishwe n’abantu bataramenyekana

dimanche 23 Myandagaro 2015

Musitanteri wa Komine Isale iri mu ntara ya Bujumbura Rural Pontien Nderagakura,yarishwe arashwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Myandagaro 2015.

Amakuru ava aho muri komine Isale amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zine z’ijoro aho musitanteri yari mu bunywero bwitwa Carrefour des Amis abantu bataramenyekana baca bararasa,musitanteri yaciye yitaba Imana muri uwo mwanya nyene.

Mu bandi bari kumwe muri ubwo bunywero,abantu batatu barakomeretse harimwo umwe ababaye cane,bakaba bamaze kujanwa mu bitaro.

Mu ntumbero yo guhumuriza,imvukira za komine Isale zikorera mu gisagara ca Bujumbura,zazindukiye muri iyo komine kubonana n’abanyagihugu baho.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.