Accueil > Amakuru > Bujumbura : Umuyagankuba ugiye kuboneka amasaha 24 kuri 24
Bujumbura : Umuyagankuba ugiye kuboneka amasaha 24 kuri 24
jeudi 10 Nzero 2013
Haraheze igihe kitari gito mu gisagara ca Bujumbura hari ikurakuranwa ryo kuronka umuyagankuba utangwa n’ishirahamwe REGIDESO,bamwe bakawuronka mw’ijoro abandi ku mutaga,bikaba ariko bigiye guhera mu mezi make ari imbere.
Ikurakuranya ryo gutanga umuyagankuba vyahora bigirwa n’ishirahamwe REGIDESO bigiye kurangira mu mu mezi ari imbere bivuye ku mamashini atanga umuyagankuba Reta y’u Burundi itegekanya gukotesha mu minsi iri imbere.Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO Desire Nsabiyumva.
Ku kibazo co kumenya nimba ibiciro vy’umuyagankuba bitazoca biduga,uwo muyobozi amenyesha ko abona ko ikoreshwa ry’ayo mamashini atanga umuyagankuba adashobora gutuma ibiciro vyawo biduga ku bawukoresha.
Mu gihe haheze iminsi hibonekeza intsinga zidafutse mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura ivyo navyo bigashobora gutuma haba amasanganya ahitana ubuzima bw’abantu n’ibindi bikoresho bikoreshwa n’umuyagankuba,umuyobozi w’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha abanyagihugu ko ibikorwa vyo gufuka izo ntsinga bigeze ku rugero rushimishije.
Twobibutsako izo ntsinga zidafutse zatumye umuntu umwe yitaba Imana hafi ya Lycee du Lac Tanganyika hari mu mwaka uheze.
kw’ifoto:Desire Nsabiyumva,umuyobozi w’igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO
Marie Claire Ingabire
Messages
10 Nzero 2013, 05:12, par kok
Kabis nibabirabe bikorwe hakir kare! vyar bitey isoni pe!
16 Nzero 2013, 10:49, par yakubu
nuko sha desire gerageza turabe ko umuyagankuba woboneka mu gihugu cose uce wibuka i buhiga.