IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bujumbura : Umuyagankuba ugiye kuboneka amasaha 24 kuri 24

Bujumbura : Umuyagankuba ugiye kuboneka amasaha 24 kuri 24

jeudi 10 Nzero 2013

Haraheze igihe kitari gito mu gisagara ca Bujumbura hari ikurakuranwa ryo kuronka umuyagankuba utangwa n’ishirahamwe REGIDESO,bamwe bakawuronka mw’ijoro abandi ku mutaga,bikaba ariko bigiye guhera mu mezi make ari imbere.

JPEG - 29.5 ko

Ikurakuranya ryo gutanga umuyagankuba vyahora bigirwa n’ishirahamwe REGIDESO bigiye kurangira mu mu mezi ari imbere bivuye ku mamashini atanga umuyagankuba Reta y’u Burundi itegekanya gukotesha mu minsi iri imbere.Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO Desire Nsabiyumva.

Ku kibazo co kumenya nimba ibiciro vy’umuyagankuba bitazoca biduga,uwo muyobozi amenyesha ko abona ko ikoreshwa ry’ayo mamashini atanga umuyagankuba adashobora gutuma ibiciro vyawo biduga ku bawukoresha.

Mu gihe haheze iminsi hibonekeza intsinga zidafutse mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura ivyo navyo bigashobora gutuma haba amasanganya ahitana ubuzima bw’abantu n’ibindi bikoresho bikoreshwa n’umuyagankuba,umuyobozi w’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha abanyagihugu ko ibikorwa vyo gufuka izo ntsinga bigeze ku rugero rushimishije.

JPEG - 12.3 ko

Twobibutsako izo ntsinga zidafutse zatumye umuntu umwe yitaba Imana hafi ya Lycee du Lac Tanganyika hari mu mwaka uheze.

kw’ifoto:Desire Nsabiyumva,umuyobozi w’igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.