IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Buramatari w’intara ya Kirundo aratunga agatoke ishirahamwe rya HCR mu (...)

Buramatari w’intara ya Kirundo aratunga agatoke ishirahamwe rya HCR mu Rwanda

mardi 21 Ndamukiza 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi (HCR) ryo mu gihugu kibanyi c’Urwanda riratungwa agatoki ko ariryo rikokeza uguhunga ku bwinshi bw’abarundi bo mu ntara z’uburaruko nka Kirundo.

Inyuma y’iminsi itari mike hatanguye kwibonekeza mu Burundi cane cane mu ntara ya Kirundo, abarundi benshi bahungira mu gihugu c’Urwanda, aho ibiharuro bitangwa mu bushikiranganji bwitaho impunzi mu Rwanda, bumenyesha ko bamaze kwakira abagera ku bihumbi umunani, Buramatari w’intara ya Kirundo, Reverien Nzigamasabo aragiriza ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impuzi (HCR) ishami ryo mu Rwanda kwariryo rituma ihunga ku bwinshi ry’abarundi.

Mu nama yahuje imvukira zo mu ntara ya Kirundo kugira hashikirize ivyavuye mu rugendo bagize mu gihugu c’Urwanda, aho bagiye kuraba abahunze, babahimirize kugaruka mu gihugu, Buramatari w’intara ya Kirundo, Reverien Nzigamasabo yaramenyesheje ko mu mvo zatumye abo barundi bahunga harimwo ko batinya iryane zohava zaduka mu Burundi mu gihe Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yovuga ko azosubira kwitoza.

Buramatari we akagiriza ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi mu gihugu c’Urwanda kariryo rituma abarundi bahunga ku bwinshi kuko iyo bashitse ku mipaka u Burundi buhana n’u Rwanda, iryo shirahamwe ariryo riza kubatora, babazaniye ni mfungugwa arico gituma ko umurindi w’abahunga hakugabanuka uca uguma wiyongera ku munsi ku munsi, kuko baba babona ko mu gihugu c’Urwanda boroherezwa cane.

Ku bivugwa ko urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD, rwoba rufashanya n’abajejwe umutekano mu gucunga imbibe kugira umurindi w’abahunga ugabune, Reverien Nzigamasabo, Buramatari w’i ntara ya Kirundo aremeza ayo makuru.

Tubibutse ko abarundi barenga ibihumbi umunani bamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda, aho na makambi yo kubakira yamaze gushigwaho. Abo bahunga bakamenyesha ko bahunga umutekano muke urangwa mu gihugu cane cane utegwa n’urwaruka rw’imbonerakure bivugwa ko gwahawe ibigwanisho. Aho mukamenya ko n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yari yishikiye mu minsi iheze mu ntara ya Kirundo aho yasavye imvukira zaho, ko zokora uko zishoboye kose, mu kiringo c’ukwezi kumwe abo bahunze bakaba batahutse bagasubira muzabo.


Alida S.

Messages

  • Mwibaza ko abanyagwanda bafyina,harya mwafata impunzi z abahutu babanyagwanda zabahungiyeko zibizeye mukazisubiza inyuma kunguvu,mwibaza ko leta y urwanda yobikorera abatusti bbene wabo? murihenda harya bashitse imuhira,baratekanye.Mugabo bibahe isomo.

  • Buramatari nawe niwahunga niho uzomenya ico izo mpunzi zihunga

  • Ndashimye buranatari wa Kirundo ivyo avuze binyonyengereye kubonako abonakure koko .

  • uyu murundi yoba atazi akazi ka HCR, hinge tumwibutse ko HCR ijejwe gufasha no gukingira impunzi sizabarundi gusa ahubwo uburundi niburabe neza ikibazo gituma izompunzi zihunga kubwishi hama batore umuti naho gutunga agatoki HCR ntaco bimaze nomigihugu tuzobasangaho hamwe bibonetse ko ari ngobwa kuko nico gikogwa ca UNHCR ahiri hose. Nsinzara ihungisha abarundi nkuko babivuga.

  • Nimubarekezeyo bazogaruka,ewe buramatari bwira cane cane abanyagihugu basigaye barikanure birarire kuko abagabo babo bagore nibo bafise ibigwanisho kandi basigaye mu gihugu,reke guta umwanya mu ma diplomacie nayo ubuhungiro ni ubuhungiro naho woba wibaza ko washitse i muhira,mbe ko abanyamulenge bo bari i muyinga badakurikira,ubwo bwishime buzohera,abanyarwanda b’abatutsi baba i burundi bo ko batagenda!Ubu ntibarumva ico sheeting ivuga kuko babona amakungu yose abirukako ngo batahe bagakiriza amabuno imbere ya za cameras bakibaza ngo barabaye ba obama,ariko imana ntihendwa izobaha icirwa no muri afrique du sud hari abari baziko bashitse mw’ijuru mu kudutuka ataco basiga ariko vyose imana irabona kandi nabo hari igihe bokwibonerako

  • Mubure gushakira umutekano abaturage Banyu ngo ikibazo nu Rwanda!!
    Urwanda Ruzi ingaruka zintambara Niyo mpamvu tutazarebera ko abantu bapfa!! Nabandi ahubwo bafite impungenge biyizire .

  • ariko ayo macakubiri mwoyaheba mwobiki!!!aho ntimuzi,ntimwumva kandi ntimubona ko atanyungu vyigeze bizanira ababigendeyemwo bose!mbega umuhutu ninde umututsi ninde ko IImana yaremye abantu babiri aribo Adamu na Eva twese tugakomoka kurabo ibindi mubikurahe ninde yabaroze mugihe mwese muvuga ko muz’Imina kand’aho ntimunasiba muri misa kumva iya mbere niya kabiri!ndatangara iyo numva ngo uburundi abakirisu ni 90% sigaho sigaho nimutinye Imana mumenye ko inyuma yo kumarana muhorana ubututsi bwanyu nubuhutu mumenye ko hari urubanza rw’Imana kubantu bose bo mwisi Izohana abicanyi,abasambanyi,abasuma ds bandis nabandi banyavyaha bose atarobanuye kuko yo Idaca urwankunzi nobagirinama yo kwihana rero mugakundana kuko arico Imana idusaba mutihanye naho mwitege igihano kiva kUmana yabaremye yoyo ntamazuru muzoyisobanurira.

  • Umusi intahe izofata ijambo nawe azomenya icatuma bahunga kuko ndaziko we naba DD bazobura iyo bakwigwa hamwe na Kaburungu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.