IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi bashize (...)

Burkina Faso: Abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi bashize ibirwanisho hasi

mercredi 30 Nyakanga 2015

Abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu bashize ibirwanisho hasi,inyuma y’igitero cakozwe mw’ijoro ryo kuwa 29 Nyakanga 2015,kw’ikambi yarimwo abasirikare bari batembagaje ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafando.

Igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Burkina Faso kimenyesha ko igisirikare kiyoboka intwaro mfatakibanza arico kigenzura ikambi ya Naaba Koom II ibamwo abasirikare bacunga umukuru w’igihugu.

Abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza bashoboye kwinjira inyuma y’ibitero vy’amabombe bakoze muri iyo kambi,yarimwo abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi barongowe na General Gilbert Diendere.

General Gilbert Diendere yavuze ko ingwano zamaze amasaha abiri,ariko umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yavuze ko ingwano zaheze mu mwanya muto,gushika aho abasirikare bashoboye kugenzura ikambi yose.

Gushika ubu ivyononekaye muri ico gikorwa co kwaka ibirwanisho abasirikare bagomvye gutembagaza ubutegetsi ntibiramenyekana.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Aho birumvikana,ko bose ni abasirikare b-igihugu!Nta munyagihugu bica. Mais burundi barondera umunyagihugu atankoho afise,nitwe twicwa. Donc il ya trés differance entre Burkina et Burundi.

  • birababaje kubona! abanyagihugu dukomeza gupfa ,atacamira! nabo bireba. bigaramiye mugabo! imana izaduhorera,

    nibaturekere uwi imana yatwihere prezida nkurunziza atuyobore,,,,

  • birababaje kubona! abanyagihugu dukomeza gupfa ,atacamira! nabo bireba. bigaramiye mugabo! imana izaduhorera,

    nibaturekere uwi imana yatwihere prezida nkurunziza atuyobore,,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.