Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel (...)
 Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel Kafando
 Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel Kafando
				
				jeudi 17 Nyakanga 2015
Amakungu asaba ko umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Michel Kafando n’umushikiranganji wiwe wa mbere Isaac Zida barekurwa kugira intwaro nfata kibanza ibandanye mu mutekano.
Umukuru w’igihugu Michel Kafando yafashwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho,kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2015 ari kumwe n’abashikiranganji mu nama.
Mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Cedeao n’ishirahamwe mpuzamakungu,ayo mashirahamwe amenyesha ko yakiranye umubabaro ifatwa ry’umukuru w’igihugu n’umurwi w’abasirikare basanzwe bari mu bamucungerera umutekano.
Ayo mashirahamwe amenyesha ko ivyabaye ari uguhonyanga ibwirizwa nshingiro,hamwe n’amasezerano agenga intwaro nfatakibanza,agasaba ko abari mu nzego z’umutekano mu gisirikare n’igipolisi kuyoboka abategetsi ba politike b’infatakibanza.
Ayo mashirahamwe arangiza amenyesha ko abahagaritse umukuru w’igihugu n’abashikiranganji bazobibazwa,bakemeza ko bashigikiye intwaro nfatakibanza nico yiteguye gushikako.
Mu murwi wa ONU ujejwe amahoro n’umutekano basaba ko umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Michel Kafando n’umushikiranganji wa mbere Isaac Zida barekurwa ari bazima kandi mu maguru masha.
Umukuru w’igihugu Michel Kafando n’abashikiranganji bahagaritswe n’umurwi w’abasirikare bacunga umukuru w’igihugu kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga igihe bari mu nama nshikiranganji.
Van Naris Mugisha

Messages
17 Nyakanga 2015, 09:07, par Toto
L’Afrique est malade
17 Nyakanga 2015, 13:12, par merasi
ntacovyuze
17 Nyakanga 2015, 13:22, par mukobozi
amakungu hama gwagiriki natahe hajeho uwatowe nabanyagihugu mubaga ataruwigenye nka nkurunziza
17 Nyakanga 2015, 15:28, par 255672968535
Uko niko basha mutama nkurunziza wacu tutanka bazohava bamugra arko baribesha naje ndi,hanz noca mpunguka guterakajagari
17 Nyakanga 2015, 15:51, par bobic
L’Afrique n’est pas malade mais c’est une maladie
17 Nyakanga 2015, 16:25, par eric
erega atamu president ava mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politic ubaho, abanyagihugu baba biruhiriza ubusa ngo baraja mumabarabara.uyu nawe yariko yitwenza ngo abanyagihugu baramushigikiye!!!???
18 Nyakanga 2015, 08:31, par Bosco
Abo bobo barabishoye Mana fasha uburundi bwacu dutere iyo ntambwe