IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abashigikiye Compaore bangiwe kwitoreza kurongora (...)

Burkina Faso: Abashigikiye Compaore bangiwe kwitoreza kurongora igihugu

lundi 31 Myandagaro 2015

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu gihugu ca Burkina Faso yanse kwemeza abantu batandatu bashaka guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu kuko bashigikiye Blaise Compaoré yahoze arongoye ico gihugu,imbere yuko atembagazwa ku butegetsi.

Mu bankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, harimwo Eddie Constance Konboigo arongoye umugambwe CDP (Congress for Democracy and Progress party) wa Blaise Compaoré na Gilbert Noel Ouedraogo wo mu mugambwe ADF/RDA wari ushigikiye ubutegetsi buheruka gutembagazwa.

Iyo sentare yemereye kandi abandi abantu 16 ngo bazokwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga uno mwaka.

Blaise Compaoré yatembagajwe ku butegetsi mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze, inyuma y’imyiyerekano y’abanyagihugu,igihe yagomba agerageze kwongera imyaka yo gutwara ku myaka 27 yari amaze atwara igihugu ca Burkina Faso.

Konboigo yahakanye ingingo yafashwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, avuga ko ishingiye kuri politiki aho kuba ingingo ishingiye ku mategeko.

Iyi sentare nyene iheruka kwankira abantu 52 bava mu migambwe yari ishigikiye Blaise Compaoré, kwitoza ngo baserukire abanyagihugu mu nama nshingamateka ya Burkina Faso.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Sentare Nk’ Izo Nizo Zikenewe.Atari Nk’ Iyi Yo Mu Burundi Y’ Ibifurahende

  • Uku niko umugambwe CNDD-FDD ukwiye kugirwa mu Burundi. Ntushobora gutera ingorane mu gihugu kandi warufise ubushobozi bwose bwo kuzikinga hanyuma wibaze kuzobandanya wigira ivyo ushaka nk’ inda mugashambara. Uyu mugambwe wa Compaore ahubwo nibawufute kugira bibere akarorero nabandi bose bogira ingendo nkizi zogutera ibibazo mu gihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.