Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: umushikiranganji wa mbere yarekuwe n’abatembagaje (...)
 Burkina Faso: umushikiranganji wa mbere yarekuwe n’abatembagaje ubutegetsi
 Burkina Faso: umushikiranganji wa mbere yarekuwe n’abatembagaje ubutegetsi
				
				mardi 22 Nyakanga 2015
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Burkina Faso muri Reta mfatakibanza Isaac Zida,yarekuwe n’abasirikare batembagaje ubutegetsi inyuma y’iminsi itanu ari mu minwe yabo.
Umushikiranganji wa mbere Isaac Zida yari yahagaritswe kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015,igihe umurwi w ‘abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu batembagaza ubutegetsi.
Isaac Zida yarekuwe mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Nyakanga 2015,inyuma yaho abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza basabiye ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bashira ibirwanisho hasi.
Umushikiranganji wa mbere mfatakibanza Isaac Zida yamaze kuva ku kirimba c’umukuru w’igihugu aho yari yagizwe imbohe,akaba yagiye aho asanzwe aba hazwi n’amategeko,ari muzima.
Kuva ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 21 Nyakanga 2015,abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza imbere yuko binjira ku murwa mukuru Ouagadougou,basavye ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bashira ibirwanisho hasi bagacungererwa umutekano.
Van Naris Mugisha

Messages
22 Nyakanga 2015, 22:19, par nsabimana pascal
emwe ,ivyomuri Africa biratangaje cane!niturabe twisubizagashambara kuko ubuntu burihabwa.