Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burukina Faso : Imigambwe imwe imwe iratanguye gusaba ikigongwe
 Burukina Faso : Imigambwe imwe imwe iratanguye gusaba ikigongwe
 Burukina Faso : Imigambwe imwe imwe iratanguye gusaba ikigongwe
				
				lundi 8 Kigarama 2014
Inyuma yaho Blaise Compaore atangiye imihoho kubera abanyagihugu biyamirije ugushaka guhindura ibwirizwa shingiro kugira yitoze, imwe mu migambwe yahora ari soma mbike yiwe yanamushigikira kugira ahindura ibwirizwa shingiro, iratanguye gusaba ikigongwe.
 
- Somda Mathieu
Mu kiganiro uwaserukiye umugambwe ARF/RDA, Somda Mathieu yatanze ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwo wa gatandatu, mu kiganiro bitiriye” ikigongwe”, yarasavye ikigomgwe ku ntererano yogushigikira umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira umukuru w’igihugu Blaise Compaoré ashobore kuguma ku butegetsi akaba ari navyo nkomoko yatumye atanga imihoho .
Umugambwe ADF/RDA ukaba wari watereye mu gukora ibishoboka vyose kugira Compaoré ashobore kuronka ububasha bwo gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru mu matora yari ategekanijwe mu kwezi kwa Munyoinyo mu 2015. Ico gikorwa kikaba carateye uburake abanyagihugu bo muri Burkina Faso kubona uwo mugambwe warakoze igikorwa nkico kigayitse kibuza ko haba ihinduka mu gihugu. Kubw’ivyo, abanyagihugu bakaba baragaragarije agashavu mu gusambura inyubakwa zimwe zimwe zo mu ndongozi za ADF/RDA zari zishigikiye uyo mugambi.
Kubw’ivyo, Somda Mathieu arasaba ikigongwe abanyagihugu bo muri Burkina Faso kw’izina ry’umugambwe ku makosa yose ndetse akaba yerekanye n’ihinduka haba ubu no muri kazoza.
Cherif Nkeshimana

Messages
8 Kigarama 2014, 20:22, par NDAVUGASIMVURA
haaaaaa ewe politique yo muri afrika nigitangaza. eeee amazi arashuha ntiyibagira ibumbeho. Birakwiye kuba icigwa.