IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaharanira agateka ka zina muntu ngo bakwiye gukingirwa

Abaharanira agateka ka zina muntu ngo bakwiye gukingirwa

mardi 30 Ndamukiza 2013

Abaharanira agateka kazina muntu bakwiye gukingirwa mu vyabo no mu kazi kabo, aha twovuga nk’ ugukingira abakora akazi ko kumenyesha amakuru, kuko nabo bari mu baharanira agateka kazina muntu.

Ivyo vyamenyeshejwe na Yohani Mariya Kavumbagu asanzwe ari umukuru w’ igisata kijejwe ugukingira agateka ka zina muntu mu murwi ujejwe gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi, mu ruganda rwahuje ibihugu biri mu karere Uburundi buherereyemwo kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2013 i Bujumbura, mu ntumbero yo gukingira abasanzwe baharanira agateka ka zina muntu.

Ivyo bishitse mu gihe aba menyeshamakuru bari bamaze iminsi bahura n’ingorane zitandukanye, aha twovuga nka Patrick Paggio w’iradiyo y’abanyagihugu RPA akaba yararashwe n’umu polisi w’igihugu aho yari amubajije igituma yariko atoza amafaranga 200 ku makinga yari atonze iruhande y’ikivuko ca Bujumbura, Willy Abagenzinikindi nawe yatewe n’abantu bari bitwaje ibirwanisho kurugo iwe, abo bamuteye nubu ntibaramenyekana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.