IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Burundi:Abantu 10 baranze umwaka w’2012 mu bikorwa vyiza na bibi

Burundi:Abantu 10 baranze umwaka w’2012 mu bikorwa vyiza na bibi

lundi 31 Kigarama 2012

Abantu 10 baranze umwaka mu bice bitandukanye vy’igihugu nk’uko tubibwigwa n’ikinyamakuru Net Press. Harimwo abakoze nabi n’abakoze neza.

Amakuru duhabwa n’ikinyamakuru Net Press cadondaguye abo bantu 10 baranze umwaka, atumenyesha ko harimwo abanyepolitike, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abari mu masendika y’abakozi n’abandi.

1. Umugabo ari muri Reta yaranze umwaka: Jean Marie Nibirantije,umushikiranganji w’ibidukikije. Ngo yarubahutse ararya umutima amenyo arategeka ko basambura amazu atari make muri uyu mwaka yari yubatse bidaciye mu mategeko cane cane ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.

JPEG - 7.7 ko

2. Umumenyeshamakuru yaranse umwaka: Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonesha FM n’iradiyo y’abafaransa RFI mu Burundi. Amaze umwaka urenga afunzwe yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. Ngo yabaye nk’icibutso co kwrereka abategetsi ko bibagiye iyo bavuye kuko nabo nyene bigeze kuvugira ku maradiyo bakiri mw’ishamba nk’uko Hassan Ruvakuki yabikoze akavugisha umurwanyi ariko akabizira.

JPEG - 4.3 ko

3. Umukenguzamateka yigenjeje nabi: Gelase Ndabirabe aturuka mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Ngo yarubahutse aremeza ko umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akwiye guhanwa kubera yahaye ijambo umugwanyi yemanze ko ashaka gutembagaza ubutetsi.

JPEG - 5.6 ko

4. Umushikiranganji yaranze umwaka: Severino Buzingo,umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye. Ngo yarakoze ibikora inka kugira abana b’abakene na ba nyarucari bige nk’abandi.

JPEG - 5.7 ko

5. Uwaharaniye cane inyungu z’abakozi: umukenyezi Eularie Nibizi. Uwo arongoye sendika imwe y’abigisha bo mu mashure matomato SLEB ngo ntarya umunwa muguharanira agateka k’abakozi cane cane abigisha ari nabo benshi mu bakozi ba Reta. Akamo kiwe ngo karumvirwa cane, akarorero n’ako gusaba abigisha kudatanga amanota y’igice ca mbere kubera ibibazo batuye Reta bitaratorerwa umuti, ngo karitabwe, n’ubu abanyeshure ntibarabona umwimbu wabo.

JPEG - 7.5 ko

6. Umunyepolitike mu ntwaro iraba amakungu muri uyu mwaka: Pierre Buyoya, yahoze ari umukuru w’igihugu. Ngo ni umushingantahe abushitse, avuga make ariko akavuga bikenewe. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA riramwizera cane. Ryamugenye kuba umuhuza muri uyu mwaka mu matati ari mu bugaragwa bwa Sahel cane cane mu gihugu ca Mali aho igice ca ruguru cigaruriwe n’intagondwa z’aba islam.

JPEG - 7.5 ko

7. Umukenyezi yaranze umwaka: Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji. Ni umushikiranganji wa mbere w’umugore arongoye ubudangdaji yaronse agashimwe mpuzamakungu kuko yateje imbere igisata c’ingenzi.

JPEG - 7.4 ko

8. Uwaranze amashirahamwe yigenga: Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Yarubahutse aradoma urutoke atariye umunwa ko mu bushikiranjanji bw’ubutungane ibiturire vyiraye mu gutanga akazi. Yarabizize arafungwa mu nyuma ararekurwa.

JPEG - 9.5 ko

9. Umunonotsi yaranze umwaka: umwigeme Francine Niyonsaba. Nta n’umwe yaramuzi kuko yiga hagati mu gihugu mu ntara ya Ruyigi ari n’aho yavukiye. Yatangaje benshi mu Burundi no mu makungu, atahukana ikibanza c’indwi mu mahiganwa mpuzamakungu yabereye i Londres mu Bwongereza, idarapo ry’u Burundi rirahungabana. Kandi ryari irya mbere aja mu mahinganwa. Umukuru w’igihugu yaramwakiriye mu biro iwe aramushimira.

JPEG - 8 ko

10. Uwanyomoje mukubesha muri uyu mwaka : umwigeme Zebiya Ngendakumana. Ku myaka yiwe 26, yaremeje ko abonekerwa ku musozi Businde Komine Gahombo intara ya Kayanza. Yavuze ko yatanguye kubonekerwa afise imyaka 5. Ubuyobozi bw’intara ya Kayanza na Ekeleziya katolika baraburabuje igisabisho ciwe, aho asengera haja abapolisi n’ubu niho bakiri. Ariko abayoboke biwe bararahira bakarengwa ko badashobora kureka kwizera inyigisho zitangwa na Zebiya, ubu ntawuzi aho yahungiye.

JPEG - 7 ko

Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.