IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarongoye umurwi CNTB bakwiye kubogozwa

Abarongoye umurwi CNTB bakwiye kubogozwa

samedi 27 Ndamukiza 2013

Mu kiganiro Ferederiko Bamvuginyumvira yahaye abanditsi n’abanyamakuru ku cirwa yagize ku bijanye n’ umurwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB, avuga ko ubu haboneka ingorane nyinshi kuruta uko vyari mu gihe uwo murwi wari urongowe n’umuhisi Patiri Asteri Kana.

Ku bw’ umuhinga yakoze icirwa agitumwe n’ ishirahamwe rikurikirana ibikorwa vya Leta OAG, Ferederiko Bamvuginyumvira avuga ko umurwi CNTB ubu ugizwe n’ igice kinini c’ abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, hamwe n’imigambwe bacuditse ,ngo hamwe kandi n’umugambwe w’’Abadasigana Uprona.

Muri abo bagize uwo murwi, abatavuga rumwe na Leta usanga ata kibanza na kimwe baronse.
Yabandanije kandi asigura ko, uko umurwi CNTB uriko urakora ubu binyuranye n’ amasezerano y’i Arusha, kuko bavuga ko umuntu ari muvyabandi, nko mu gihe usanga aba yaguriye Leta, ko uwo muntu aronswa ibingana nivyo atakaje, ngo ubu rero s’ uko bimeze, kuko umuntu arasohorwa atagira iyo aja, uwo murwi kandi witwararika abahungutse kuruta abasangwa.

Ku bw’ umuhinga yatanze ikiganiro, avuga ko abarongoye uyo murwi n’ukuvuga umukuru w ’umurwi n’icegera ciwe , ko bobogozwa kuko bose biboneka ko badatunganya umurwi nk’ uko bikurikije amategeko. Kubw’’umuhinga, intumbero ya Patiri Kana mu murwi CNTB kwari uguhuza abasangwa n’ abahungutse.


Aristide Nizigire

Messages

  • ariko wamugabo bavuginyumvira we nahora nukuri nizeye ko uri umushingantahe abushitse kuki niyo ushikiriza ijambo narifata nka nkama ariko nukuri ntabwoba ugira mukuvuga ko CNTB ishigikiye uruhande rwabahunguka gusa? imbere yuko bagenda basize ivyabo bifatwana nabandi,canke leta ibigurisha kuribo atamategeko akurikijwe kubera bakoresha kamwana wamama na mpinga yanje.reka ndakwibarize urashaka ko basubira guhunga kubera bahungutse bakabura aho baba kubwanje uwuri muvyabandi nabivemwo hanyuma yitwarire uwamugujije niba ari leta niyitwarire iyo leta.sinibaza ko wewe bavuga woba warigeze guhunga kuko ntawabonye ukuntu ubuzima bwimpunzi bufatwa yokwipfuza ikintu cose cotuma abahungutse basubira guhunga.

  • ico jewe niyumvira nuko uyu mushingantahe avuga uko nukugayana kuko nta muntu numwe ari hejuru ya mategeko y’igihugu uvuga ngo CNTB ngo ikoresha ka mwana wa mama ariko jewe mbona itunganyiriza cane abanyagihugu mbe aho uvuga ngo bobogozwa nuko ngirango nawe woba waratwaye ivyabandi canke ugasanga ufise uruhare muri abo utashaka ko babogozwa mbe mbe abo bahunze ko batasaba indihyi zakababaro kubuntu batwawe?mu nyaka 30 yose? wewe ntukurure iryane mugihugu nurebe amabaga ushizwe utunganyirize abanyagihugu nibakurebe kuvyo ukora bakugenzure neza abashizwe ikindi nuko womenya ko uburundi bwibarutse abagabo turahari nubwo turi hanze turaza mu gihugu tukabona intwaro uko imeze ikindi naco nuko abanyagihugu bazi ubuhungiro kukurusha ivyo uvuga uzotire akarembe urebe aho ziri ukore akete ko ivyo uvuga ko wobivuga ubwawe ndizigira ko utogaruka I Bujumbura nicare kumatara gusa naho ibindi torero umuryango wawe inyishu .DR J R

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.