IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Croix Rouge; imyaka 50 mu Burundi

Croix Rouge; imyaka 50 mu Burundi

samedi 4 Rusama 2013

Hagiye kwongerezwa abanyamuryango b’ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi mu ntumbero yo kugabanya isanganya zaduka. Iyo niyo ntumbero iryo shirahamwe ryihaye mu gihe ryahimbaza imyaka 50 rimaze rikorera mu Burundi. Abategetsi na banyagihugu barashima ibikorwa vya Croix rouge Burundi.

Ibirori vyo guhimbaza imyaka 50 ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi ritanguye gukora vyabereye mu ntara ya Gitega. Aho vyatangujwe n’ururirimbo ruhayagiza Uburundi hanyuma hakurikira ururirimbo rw’iryo shirahamwe ritabara imbabare mu Burundi. Abanywanyi na bakozi biryo shirahamwe nabo bari bakubise baruzura, bagira idefile ndende yamaze hafi iminota mirongo itatu.

Amajambo yaciye atangura kuvugwa. Uwa mbere yafashe ijambo yari uwurongora ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi ku musozi wa Musinzira aho yariko araha ikaze abashitsi biteka bateye iteka ivyo birori. Yollande Nduwayo ngo iryo shirahamwe ryaje mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kandi nawe arashima ibikorwa vya Croix rouge Burundi.

JPEG - 30.7 ko
Yollande Nduwayo ,uwurongora ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi ku musozi wa Musinzira

Uwaserukiye buramatari w’intara ya Gitega nawe yashimye ibikorwa vy’iryo shirahamwe. Alexis Nininahazwe, umuhanuzi mu vy’ubutunzi wa buramatari w’intara ya Gitega yari yafatiriwe na yandi mabanga, yamenyesheje ko intara ya Gitega imaze guha itongo iryo shirahamwe mu ntumbero yo gushigikira iryo shirahamwe ritabara imbabare mu ntara ya Gitega.

JPEG - 33.4 ko
Alexis Nininahazwe, Uwaserukiye buramatari w’intara ya Gitega

Uwaserukiye amashirahamwe atabara imbabare kw’isi yari yitavye ivyo birori nawe nyene yarashimye ibirangurwa na croix rouge aha mu Burundi. Malika Ait Mohamed Parent ngo Leta y’Uburundi yoha ikibanza gikwiye iryo shirahamwe ritabara imbabare aha mu Burundi kugira ngo rifashanye na Leta mu kugarukira neza abanyagihugu cane cane abatishoboye.

JPEG - 34 ko
Malika Ait Mohamed Parent , Uwaserukiye amashirahamwe atabara imbabare kw’isi

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu yari yateye iteka ivyo birori ; nawe yaje ashima mu majambo yiwe. Gerevazi Rufyikiri yarasavye iryo shirahamwe ko ryofasha cane mu kugarukana amahoro no kunywanisha abarundi hatibagiwe mu gukinga indwara z’ivyaduka eka na masanganya yaha na hariya.

JPEG - 34.9 ko
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu yari yateye iteka ivyo birori

Ijambo nyamukuru ry’uwo munsi ryavuzwe n’umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare aha mu Burundi. Umushingantahe Fransisiko Xaveri Buyoya we arashima ukuntu abantu babandanya bagirira icezere ishirahamwe arongoye. Yibukishije ko iryo shirahamwe ryaciye mu bihe bigoye harimwo gutangura ibikorwa vyinshi ari abantu bake mu gihugu cose. Uwo amaze imyaka myinshi arongoye CRB ngo barashoboye gukora bikomeye kugira ngo bafashe abanyagihugu bagowe mu gihugu c’Uburundi. Akamenyesha ko ubu bafise incuti nyinshi mu Burundi no hanze z’imbibe z’Uburundi.

JPEG - 33.4 ko
Ijambo nyamukuru ry’uwo munsi ryavuzwe n’umukuru w’ishirahamwe ritabara imbabare aha mu Burundi. Umushingantahe Fransisiko Xaveri Buyoya

Yaciye amanyesha ko abanyamuryango b’ishirahamwe ritabara imbabare aha mu Burundi bagiye gukwiragizwa mu mitumba yose y’Uburundi mu ntumbero yo kuganya amasanganya abera mu ngo no ku mitumba na rirya icivugo ciy’imyaka 50 yariko irahimbazwa y’ishirahamwe ritabara imbabare aha mu Burundi ari « URUGO- MURYANGO MU MITUMBA YOSE ».

Ivyo birori bikaba vyitababwe na banyagihugu benshi bo mu ntara ya Gitega ,haraje n’ayandi mashirahamwe atabara imbabare zo mu bihugu nk’Urwanda , Kenya , Uganda , Norvège , Finlande, Ububirigi eka na bo ku cicaro gikuru ca mashirahamwe atabara imbabare bi Génève nu gihugu c’Ubuswisi.

JPEG - 42.3 ko

Patrick Wasso

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.