IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Croix-Rouge yahimbaje isabukuru y’imyaka 150

Burundi : Croix-Rouge yahimbaje isabukuru y’imyaka 150

mercredi 8 Rusama 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo ry’ 08 Rusama 2013, umuryango mpuzamakungu wo gutabara imbabare croix-rouge wahimbaje isabukuru y’imyaka 150 umuze witanga mu gutabara imbare kw’isi.

Ibirori bikaba vyabereye ku cicaro c’iryo shirahamwe. Mu kiganiro uwuserukira umuryango wo gutabara imbabare croix-rouge mu Burundi umushigantahe Buyoya Fransisko Xavier yahaye abamenyeshamakyru, yavuze ko uwo muryango mu myaka 150 umaze ubayeho washoboye gushitsa intumbero wari warihaye naho ingorane zitabura.

Amenyesha ko mur’iyo myaka 150 umuryango umaze ibiza, intambara zituruka kungorane za politike vyagiye birushiriza kwiyongera. Aha atanga akarorero k’ibihugu bitoroha gushikamwo kugira bashobore gutabara imbabare, hari nka somaliya, siriya, afuganistani na Leta iharanira demokarasi ya Kongo.

Buyoya ati umuryango croix-rouge washinzwe mu ntumbero yo gutabara imbabare kw’ isi yose haba mu bihe vy’intambara canke mu biza bishobora kubangamira ubuzima bwa kiremwa muntu ivyo ukabikora utisunze ikintu nakimwe ni ukuvuga ubwoko, ubwene gihugu, amadini n’ibindi. Ivyo bigashoboka kubera abanyamuryango bitanga batiziganya.

Mu bibazo yabajijwe hari nk’ikijanye n’ibikorwa nyamukuru vy’umuryango croix-rouge, ari naho yishuye ko gutabara imbare, kwigisha abantu uko bashobora gukinga impanuka zimwe zimwe n’ibindi.

yabajijwe kandi igitigiri c’abanyamuryango mu Burundi, aho naho amenyesha ko igitigiri bipfuza kitarashika, kubwa croix-rouge vyoba vyiza habonetse umunyamuryango mu Rugo rwose.

Yarangije amenyesha ko croix-rouge itazohengeshanya kwitaba akamo iterwa n’imbabare, no kubafasha nk’uko yamye ibikora kuva kera. Yashimiye kandi abanyamuryango badahengeshanya kwitanga aho bari kw’isi yose.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.