IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ibice 70 kw’ijana vy’abanyagihugu vyugarijwe n’ubukene

Burundi : Ibice 70 kw’ijana vy’abanyagihugu vyugarijwe n’ubukene

jeudi 8 Rusama 2014

Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw’isi bikenye, ibice bigera kuri 70 kw’ijana vy’abanyagihugu bikaba vyugarijwe n’ubukene budasanzwe, nk’uko tubikura mu cirwa cakozwe n’ishirahamwe UNICEF riri kumwe n’ibanki nkuru y’isi yose.

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi, Annonciata Sendazirasa amenyesha ko ico cirwa carekanywe hageze, kuko kije gushira ahabona ibisata vyose bitifashe neza mu gihugu, vyatumye n’abanyagihugu baharurwa mu bice 70 kw’ijana bugarizwa n’ubukene.
Igiteye kandi amakenga gituma ubukene buguma bwiyongera, n’uko abanyagihugu bageramiwe kurusha abandi, ari abavyara abana barenga batandatu ku muryango, batanagira n’itongo ryo kurimamwo ringana n’imiburiburi kuri hegitari 0,2.

Nk’uko ico cirwa cakozwe n’ishirahamwe UNICEF riri kumwe n’ibanki nkuru y’isi yose rivyerekana, impfuvyi naba ntahonikora mu Burundi, baharurwa mu bice 10 kw’ijana vy’abanyanyagihugu bose.
Hagaca hiyongeramwo n’ikibazo co gufungura nabi, abana bagera ku 58 kw’ijana bari munsi y’imyaka itanu akaba aribo bageramiwe gusumvya abandi. Mukamenya ko ivyo biri mu bituma igihugu c’Uburundi kishirwa mu bihugu bitaratera imbere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.