IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe

Burundi : Ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe

lundi 16 Nyakanga 2013

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’ubudandaji bwashize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Nyakanga 2013, vyamenyeshejwe ko igiciro co kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura cavuye ku mafranga 335 kija ku mafranga 345.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe inyuma y’aho ku munsi wa gatandatu, mu bushikiranganji bw’ubudandaji nyene butangarije ko igiciro c’igitoro kiduze. Igitoro co mu bwoko bwa essence cavuye ku mafranga y’amarundi 2150 kija ku mafaranga 2250. Igitoro co mu bwoko bwa mazutu kiva ku mafranga y’amarundi 2040 kija ku mafaranga 2120. Igitoro co mu bwoko bwa Peterori cavuye ku mafaranga 2040 y’amarundi kija ku mafaranga 2120.

Muri iryo tangazo nyene ryasohotse uno munsi kuwa mbere, rimenyesha ibiciro bishasha vyo kwiyunguruza, bavuga ko n’igiciro co kwiyunguruza ku miduga yo hagati mu gihugu caduze ku bice 2,87 kw’ijana, haba ku miduga yunguruza abantu canke iyunguruza ibintu.

Twobamenyesha ko igiciro cahora kizwi ari amafaranga y’amarundi 300 ku biyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe mu mategeko handitswe amafaranga y’amarundi 335.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.