Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burundi: Igipolisi kigiye gusubira kwizerwa n’abanyagihugu
 Burundi: Igipolisi kigiye gusubira kwizerwa n’abanyagihugu
 Burundi: Igipolisi kigiye gusubira kwizerwa n’abanyagihugu
				
				lundi 20 Rusama 2013
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, hatangujwe inyigisho ku ba polisi, mu bijanye n’agateka kazinamuntu, igitsina n’ubugizi bwa nabi bikorwa na bamwe mu bapolisi ariko bigatukwa urwego rwose.
Umuyobozi mukuru w’igipolisi c’igihugu Ndereya Ndayambaje mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’iyo nama, yasavye aba polisi baronka izo nyigisho kuba magabo bagakurikirana neza izo nyigisho kubera ariko karyo baronse kugira bashobore gusubira kwizerwa n’abanyagihugu bashinzwe gukingira umutekano.
Ku kibazo c’uko aba polisi bakora nabi vyoba biva kukubura inyigisho,Ndayambaje yishuye ko boreka gufatira ibintu muri rusangi ko ata mwonga ubura isato iba idahizwe, hagize uwukora ikosa ntiryotukwa igipolisi cose.
Twobibutsa ko izo nyigisho zigamije guhindura inyifato y’abapolisi zije hageze na rirya abanyagihugu bariko barata icizere bafitiye urwego rwose rw’igipolisi bivanye n’ukuntu bamwe mu bapolisi bitwara nabi, canke bivanye n’amakosa bama bafatiwemwo ku mugaragaro bariko barahohotera abanyagihugu.
Prosper Ndayikeza
