IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Igitigiri c’abana bafungura nabi carongerekanye

Burundi : Igitigiri c’abana bafungura nabi carongerekanye

mercredi 3 Mukakaro 2013

Igitigiri c’abafungura nabi mu Burundi kigeze ku bice bidahumuriza, aho bigaragara ko ibice 58 kw’ijana vy’abarundi bafungura nabi. Ivyo bikaba atari ikimenyetso ciza mu gihugu kuko bihagarika iterambere muri rusangi na cane cane ku bana bakiri bato, kuko iyo bageze mu bigero bisanga ataco bagishobora guterera mukuzanira iterambere igihugu.

Mu ntumbero yo kwerekana ibitagenda neza n’inguvu biri mu gisata kiraba ivy’imfungurwa n’ingene bafungura mu Burundi, kwumvikana kuvyo boshimikirako n’ivyokorwa, hamwe no gushiraho urutonde rwibizokorwa kugira bije mu ngiro, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imfungurwa mu Burundi PAM ryifatanije n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, OMS, FIDA na FAO, ryatunganije uruganda ruzomara iminsi ibiri kugira barabire hamwe aho ibintu bigeze bongere bategure n’ivyokorwa mu gisata kiraba ivy’imfungurwa.

Mw’ijambo ryo kwugurura urwo ruganda, Deo-Guide Rurema, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vya kabiri vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko gukemura ikibazo co gufungura nabi kikiri mu bintu nyamukuru bihari kandi biraje ishinga Leta y’Uburundi n’abafasha Uburundi. Ati, n’ubwo Leta y ‘Uburundi ibifashijemwo n’abafasha Uburundi igira inguvu zose mu kurwanya gufungura nabi, igihugu kiracabangamiwe no kubura imfungurwa hamwe no gufungura nabi, aho mbere biboneka ko Uburundi ari igihugu ca mbere muri Afrika, kikaba nica kabiri kw’isi yose, abana bari munsi y’imyaka itanu bageramiwe no gufungura nabi.

Leta y’Uburundi imaze kubona ko ingorane yo gufungura yabaye intambanyi yo gushika kw’iterambere,yarishinze kurondera uburyo bwose kugira igarukire ico kibazo.Yaciye ifata ingingo yo kwifatanya n’abandi kw’isi mu kwongerereza inguvu mu bijanye no gufungura neza, muvyo bise SUN (Scaling Up Nutrition). Muri SUN, abarongozi bererekana ivyashizweho kugira ikibazo kijanye no gufungura nabi gitorerwe inyishu.

Ku ruhande rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ayandi mashirahamwe biyemeje gushigikira ama Leta mu kwongerereza inguvu bakoreresheje uburyo bubobeneka bwotuza gufungura nabi no kubura ivyo gufungura bikwiye. Ni muri iyo ntumbero ayo mashirahamwe yashinze uburyo yokorana mu gushinga REACH (Renewed Efforts Against Child Hunger and Undernutrition Initiative), umugambi wishinze kwongerereza inkomezi mu kurwanya inzara no gufungura nabi ku bana bakiri bato.

Leta y’Uburundi nayo ikaba yarasavye ko uwo muganbi woshingwa hano mu gihugu mu gushigikira ibisata bijejwe ivy’imfungurwa mu kwongerereza umwimbu ukwiye kugira batuze inzara n’ugufungura nabi. Ikaba yiteguriye kandi guhimiriza abanyagihugu bose ku bijanye no gufungura nabi kugira bamenye ko gufungura nabi ari ikibazo kigikenewe gutorerwa inyishu mu maguru masha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.