Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu
 Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu
  Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu
				
				lundi 6 Rusama 2013
Icegera ca mbere c’umukuru w’ Igihugu nyakubahwa Terensiyo Sinunguruza, ari mu rugendo kuva ejo kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2013, i Londres ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubwongereza mu nama idasanzwe ku kibazo ca Somaliya.
Uburundi rero bukaba buri mu bihugu vya Afrika vyanyarutse gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu ca Somaliya iruhande y’inteko z’ibihugu nka Uganda na Kenya.
Abategetsi ba Somaliya bakaba badahengeshanya gushimira Uburundi ingene bwitanga mu gufasha mu gikorwa co kugarukana amahoro muri ico gihugu.
Ariko naho biri uko, ku murwa mukuru wa Somaliya Mogadishio ejo kw’igenekerezo rya 5 Rusama abihevyi barateze ibombe  mu muduga aho abantu bagera kuri cumi bitavye Imana.
Iyo nama rero idasanzwe ku kibazo ca Somaliya ikaba izotangura kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013.
Aristide Nizigire
