IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Imyaka 41 irarangiye umwami Ntare wa 5 agandaguwe

Imyaka 41 irarangiye umwami Ntare wa 5 agandaguwe

lundi 29 Ndamukiza 2013

Ku wa 29 Ndamukiza ni umunsi mu Burundi bibuka aho Umwami wa nyuma w’Uburundi, Ntare wa 5 ari nawe kandi yitwa Karori Ndizeye, agandaguwe bunyamaswa, ku myaka mirongo ibiri n’itanu gusa y’amavuka.

Umwami Ntare wa 5 yagandaguriwe mu ntara ya Gitega, aho hakaba hari ku ntwaro ya kapitene Misheli Micombero. Ahejeje kugandagurwa haciye hakurikira ubwicanyi butagira izina, aho abantu isinzi bishwe, abandi bahungira mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Tanzaniya, Republika iharanira demokarasi ya Kongo kera yitwa Zayire. Hari n’abandi bahungiye mu bihugu vya Buraya n’ahandi.

Umwami, yari yakuwe ku butegetsi na Kapitene Misheli Micombero, kuwa 28 Munyonyo umwaka w’1966 mu gihe yari mu rugendo rw’akazi i Kinshasa muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Kugira agandagurwe yatanzwe n’ubutegetsi bw’Ubuganda mu gihe ca Idi Amin Dada, bamuha ubutegetsi bw’Uburundi bwari burongowe na Misheli Micombero. Ahejeje kugandagurwa umwami Ntare wa 5, yaciye atabwa mu kinogo aho bamuhambanye n’abandi bantu batashoboye kumenyekana.

Mu minsi iheze, igihugu c’Ububirigi caratanze umurwi karuhariwe kugire baje kumurondera i Gitega, ariko bakaba batamutoye inyuma y’ iminsi myinshi bamaze bamurondera mu binogo bitandukanye biketse ko ariho yoba yarahambwe.

Uyu munsi rero igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013 akaba ariho hategekanijwe ibirori vyo kumwibuka co kimwe n’abandi barundi isinzi bishwe mu ici gihe nyene. Ivyo birori biza gutangurwa n’inkuka y’imisa iza gusomwa kuri Katedrale Rejina Mundi ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ndamukiza umwaka w’2013.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.