IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora bagendesha imiduga ya Leta bazohabwa inyigisho z’imyuga

Abahora bagendesha imiduga ya Leta bazohabwa inyigisho z’imyuga

mardi 30 Ndamukiza 2013

Mu gihe umugambi wo kugabanya abagendesha imiduga" Charoi zéro" utegekanijwe gutangurana n’intango z’ukwezi kwa Rusama, umushikiranganji w’abakozi ba Leta yakoranije aberwa n’ico kibazo mu nyubakwa za ENA( Ecole Nationale d’Administration), ku muhingamo wo kuwa 29 Ndamukiza 2013, kugira basigurirwe ingene uwo mugambi utunganijwe.

Umushikiranganji Annonciate Sendazirasa yamenyesheje ko yipfuje kubaha umuco ku ntererano ya Leta ku kibazo c’itanguzwa rya charoi zéro. Yaboneyeho n’akaryo ko gushimira abo bakozi bari bamaze imyaka itari mike bakorera Leta, bakaba bagiye kuhagarikwa mu kazi kubera itunganwa rishasha ry’akazi.

Mw’ijambo ry’uwaserukiye umugenduzi mukuru w’akazi, yasiguriye abari ngaho ico amategeko ategekanya iyo umukozi wa Leta ahagaritswe mu kazi atari kubw’amakosa, ahubwo ari integuro nshasha y’akazi. Yamenyesheje ko abazoshaka kuja mu bundi buzi bazotekererwa, abandi nabo bavyipfuza bahabwe inyigisho mu bisata bitandukanye bizobafasha gutangura ubuzima bushasha.

JPEG - 4.5 ko

Uwo yaserukiye umugenduzi mukuru w’akazi ka Leta yibukije abo bahora bagendesha imiduga ya Leta ko bazogumana uburenganzira bwo gushobora kuronswa akazi mu gihe vyoba nkenerwa, mu kiringo c’umwaka wose.

JPEG - 8.8 ko

Yarangije amenyesha ko gushika ku genekerezo rya 2 Rusama abo ico kibazo cega bose ko boba baravuze aho bahagaze, gutyo abatekererwa bahabwe ivyo amategeko abarekurira, abahabwa inyigisho nabo bashirwe ku ntonde.


Aimé-Victor Kwizera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.