IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rishobora kutazotanga amafaranga (...)

Burundi : Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rishobora kutazotanga amafaranga y’amatora

vendredi 12 Kigarama 2014

Mu gihe vyoboneka ko habaye amahinyu akomeye mu myiteguro y’amatora yo mu 2015, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rivuga ko rishobora kudatanga amafaranga y’amatora.

Mw’iyugururwa ry’inama y’ukurabira hamwe intambwe igezweko muvyo Reta y’Uburundi n’abasanzwe bafasha Uburundi bari biyemeje mu nama yabahuje mu mwaka w’2012 i Génève, hamwe n’ivyo basubiriye kandi kwiyemeza mu yindi nama yabereye i Bujumbura muri Mukakaro na Gitugutu 2013, mu mugambi w’ukurwanya ubukene (CSLP 2), Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu BURUNDI, yamenyesheje ko mu gihe havugwa amakosa akomeye mu gikorwa co kwandika abazotora, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rishobora kutazotanga amafaranga y’amatora iryo shirahamwe ryemeye.

Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu BURUNDI ahamagarira abanyeporitike bose ko bokurikiranira hafi ibikorwa vyo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Patrick SPIRLET aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu BURUNDI abimenyesheje mu gihe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi habandanya kuvugwa amakarata karangamuntu afatwa ariko atangwa muri magendu, mu kinyegero, ayandi agafatwa yahawe abadakwije imyaka, canke abanyamahanga.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.