IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuskiranganji bwo kumenyesha amakuru bwararanguye ibitari bike

Ubuskiranganji bwo kumenyesha amakuru bwararanguye ibitari bike

mercredi 1er Rusama 2013

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2013, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru umupfasoni Lewokadiya Nihazi, yamenyesheje ko kuva mu ntango z’uyu mwaka w’ 2013 ibikorwa 18 bimaze kurangurwa mu mezi atatu y’igice ca mbere.

Ivyaranguwe n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru nkuko bibandanya bishikirizwa n’umupfasoni Nihazi, ngo ni nk’ibikorwa bijanye na fibre optique vyategerezwa gukorwa ku birometero 1280 ubu bikaba bigeze ku birometero 700, bisigura ko ngo mu gihe gito ivyo bikorwa bishobora kuba vyarangiye.

Umushikiranganji Lewokadiya Nihazi yaheraheje amenyasha ko amategeko menshi yizwe mu bushikiranganji arongoye, araheza arungikirwa inama nshingamateka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.