IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yasohoye igitabu

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yasohoye igitabu

vendredi 21 Ruheshi 2013

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyakubahwa Denise Bucumi-Nkurunziza aherutse gusohora igitabo ciwe citwa « La Force d’Esperer. »

Ico gitabu ca nyakubahwa umutambukanyi w’umukuru w’igihugu casohotse mu bihugu vya Buraya muri iyi indwi y’ukwezi kwa Ruheshi, kikaba kizoshika mu Burundi mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka w’2013, co kimwe no mu zindi mpande z’isi.

Mu majambo make rero, ng’ibi ibivurwa muri ico gitabo : « Yavukiye mu ntara ya Ngozi mu Buraruko bw’igihugu c’Uburundi. Umupfasoni Denise Nkurunziza, ni umupfasoni akunda ibikorwa cane, akaba yubakanye na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Ariko intambara yateye mu mwaka w’1993 mu Burundi, nayo nyene ntiyasize inyuma uyo muryango kuko inyuma y’umwaka umwe gusa, umushingantahe wiwe Petero Nkurunziza asanga abarwanyi b’umuhari CNDD wari urongowe na Lewonardo Nyangoma ico gihe, ivyo rero vyatumye umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza asigara wenyene mu ngorane zitandukanye,nk’irungu, eka ndetse n’ukwiyumvira ryari bazosubira kuba barikumwe bose mu muryango.

Ico gitabo rero casohotse muri uku kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka w’2013, kigizwe n’impapuro 180, kikaba kidandazwa amafaranga ibihumbi 38 vy’amafaranga y’amarundi, ni ukuvuga amadolari y’ Amerika 24, canke amanyaburaya 18.


Aristide Nizigire

Messages

  • nivyiza ko abene gihugu batanguye gushima ivyobikorwa! aho jewe ndabatera ivyatsi aho mperereye,NDABAHE INKURU, ibintu bitangaje kandi bibabaje jewe ntwara ishirahamwe ryabantu bamugaye ryitwa a d p h,mugatumba haruwatwivye mugabo tumaze kumufungisha kukugira badutunganirize,mugabo uko ndabaeatishije bantanga muhira bikozwe na opj, none nobashimira gute?

  • reka kumubeshera murundikazi ntabwenge bwogusohora ibitabu yifitiye.uwudatanga interview mugifaransa yokwandika ouvrage?

  • Ndamukeje S.E Denise. Ese abarundi twese twoza turandika, tugasoma ibitabu, aho gusoma gusa birya bindi ntiriwe ndavuga, Uburundi bwotera imbere. Komera Nyakwubahwa, ntugarukirize aho, ahubwo wandike n’ibindi vyinshi.

  • Reka kwitwenera huu ngo asohora ibitabo reka kurota. ewe ubu ho bsazaze basigaye baruta ba kura ukinfashe bo mu misi iheze. en fait ubutefetsi burasa kandi buraborera en fait ni misi yabo yiherezo. Micombero ari mu kuva ku butegetsi kwari nkuko.

  • nivyiza ko abakenyezi basohora ibitabo .atubereye akarorero keza .nuko kizimvye natwe abarundi dukenye twogisomye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.