IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi: Abanyagihugu bagabanye inka zirenga 150 z kijambere

Bururi: Abanyagihugu bagabanye inka zirenga 150 z kijambere

vendredi 4 Nzero 2013

Kuri uyu wa gatatu itariki 2 Nzero 2013,umugambi PTRPC wishinze kugwiza ibitungwa waratanze inka 152 ku banyagihugu bo mu makomine ya Burambi na Songa yo mu ntara ya Bururi mu ntumbero yo gusubira kurwiza ibitungwa.

Inka 80 zatanzwe ku mitumba ya Gahinda na Gitaramuka yo muri Zone Murago ya Komine Burambi mu gihe izindi 72 zatanzwe ku mitumba ya Kinwa na Gahanda yo muri komine Songa mu ntara ya Bururi n’umugambi wo gusanura inyuma y’intambara PTRPC kuri uno wa gatatu ku banyagihugu b’abarimyi.

Izo nka zikaba ziva mu gihugu c’u Buganda zikaba ziri mu bwoko bwa Frisonne.

Kubwa Gerard Ndikumana arongoye uwo mugambi mu ntara ya Bururi,inka imwe yose ifise agaciro k’umuriyoni n’ibihumbi amajana atatu mu mafaranga y’amarundi,inka ikaba ironswa umuntu afise uburyo bwo kuyitunga ariko atayo yari asanzwe afise.

Abazironkejwe rero bategerezwa kuzibaburirira mu ruhongore bakongera bakemera ko bazozihanahana.

Uwujejwe kugenzura ibikorwa muri PTRPC ku rwego w’igihugu yamenyesheje ko inka 210 ziyongera ku zindi 238 zari zimaze gutangwa zateguriwe intara ya Bururi. Akaba rero yasavye abari bahejeje kuronka izo nka hamwe n’abaganga b’ibitungwa ko bozikurikirana.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.