IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi: Amabutike indwi yasahuwe urukombamazi

Bururi: Amabutike indwi yasahuwe urukombamazi

mercredi 12 Munyonyo 2014

Musitanteri wa komine ya Bururi ahamagarira abanyagihugu kwirarira, mu ntumbero yo gutuza ubusuma bwose bumaze iminsi bugisibije.

Ivyo uwo arongoye komine ya Bururi akaba yabishikirije inyuma y’aho amazu agera ku ndwi y’ubudandaji yose asahuriwe urukombamazi, ndetse hakaba haranibwe inyabwonko zigera kuri 3 muri kaminuza y’i Bururi i Kiremba.

Musitanteri wa komine ya Bururi rero akaba asaba abanyagihugu b’i Kiremba ko bokwirarira kugira abo basuma baze bafatwe, mu gihe bamwe mu banyagihugu bavuga ko batewe umutima uhagaze n’ibivugwa na cane cane muri ivyo vy’abo basuma biba ijoro. Iyo komine ya Bururi ikaba nayo yafashwe n’abo basuma, mu gihe hari hamaze iminsi havugwa abiba muri komine ya Mugamba, muri iyo ntara nyene ya Bururi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.