Accueil > Amakuru > Bururi: Igipolisi cahagaritse abanyamahanga barenga 100 batagira (...)
 Bururi: Igipolisi cahagaritse abanyamahanga barenga 100 batagira ivyangombwa
 Bururi: Igipolisi cahagaritse abanyamahanga barenga 100 batagira ivyangombwa
				
				mercredi 12 Kigarama 2012
Bose hamwe barenga 100. Benshi n’abakongomani ariko harimwo n’abanyarwanda 6. Bafungiwe mu busho bw’igipolisi kuva ku wa mbere bagirizwa kuba mu Burundi batagira ibibaranga.
Igikorwa co Kurondera abanyamahanga baba mu ntara ya Bururi badafie ibibaranga, abaplosi  bagitanguye  kumunsi wa mbere italike 10 uku kwezi kwa Kigarama. Haciye hafatwa abanyarwanda 6.Bane  bafungiwe mu gasho k’igipolisi  ka komine Matana, abandi babiri  nabo bafungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Bururi.
Abandi bantu  barenga 100 bahagaritswe n’igipolisi mu gatondo ka kare ko kuri uyu wa gatatu italike 12 Kigarama mu gisagara ca Rumonge mu ntara ya Bururi nyene. Benhi bafatiwe muri karitiye Kanyenkoho no ku kivuko ca Rumunge.  Nka bose n’abakongomani abandi n’abarabu.
Iyo karitiye niyo irangwamwo ubusuma bwinshi, urudandazwa rw’ibiyayuramutwe n’ubundi bubisha butandukanye, ikintu cose cibwe mu Rumonge ugisanga muri iyo karitiye ari nayo ibamwo abantu benshi kandi batazwi n’abatware.
Igipolisi kivuga ko ari akazi k’abo ka minsi yose ko gucungera umutekano mu kurondera inkozi z’ikibi. Ngo bashaka kuraba abadafise ivyangombwa vyo kuba mu Burundi kuko ngo nibo bagwiriyemwo abasuma n’abakora ubundi bugizi bwa nabi. 
Abo bafatiwe mu Rumonge baciye baja gufungirwa mu gipolisi kiraba imbibe n’ibirere PAFE.
Igisagara ca Rumonge  gisanzwe kibamwo abakongomani benshi.
Baba abo banyarwanda n’abo bakongomani barenga 100, bose basaba  ama ambassade  y’ibihugu vy’iwabo ko bobafasha bakabavugira. Gushika ubu ayo ma ambassadde ya congo na Rwanda ntaco barabivuga ko.
Igipolisi kimenyesha ko gitegerezwa gutuza ingendo yo kuba mu Burundi abantu batagira ivyangombwa. Ngo niyo nkwezi y’ubugizi bwa nabi.
Bonesha
