IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Igiporisi cafashe ibirwanisho bitandukanye

Bururi : Igiporisi cafashe ibirwanisho bitandukanye

jeudi 10 Ntwarante 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko mu bikorwa vy’ugusaka ibirwanisho bitunzwe n’abanyagihugu batabifitiye uruhusha vyabaye kuri uwu wa kane i Nyagasasa, muri komine Mugamba, intara ya bururi hafashwe ibirwanisho bitandukanye.

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko igiporisi cafashe aho i Bururi inkoho zitatu zo mu bwoko bwa Kalashnikov, ibikono bitatu vy’amasasu (chargeurs) vyuzuye y’inkoho ya kalashinikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa R4 hamwe n’igikono c’amasasu cayo cuzuye hamwe n’amasasu 35, hamwe na gerenade imwe yo mu bwoko bwa 10tones.


IGIHE

Messages

  • Twarabahinyuye igihe cose iyo mufise imigambi yo gutikiza abantu mubanza kuvugako mwatoye ibirwanisho mbe ngaho kuba Ari ukugira mwerekaneko mukomeye mwebwe mwabuze ikibarwanya izonkoho muvuga iyozitaba arirwanyu ntanimisi 5 yohera batabatoje intoke kuko turetse kwica inzirakarengane ntarugamba mushoboye kuko mwahatowe namasezerano yarusha mwaje guhonyanga iyatabayo mwarigupfa mwangara nkagahini kuko mwibukeko nogufata agacimbiri vyarivyarabananiye none musigaye mwirirwa murarogotwa ngomwafashe ibirwanisho ariko nimurindire ahobukera abarundi isinzi base gukurikira ivyobinyoma vyanyu bazobibabaza muzobisigura neza

  • EWE TARI SHA MBEGA ABOBARUNDISINZI UVUGA NIBANDE?URIVUGIRAWEWE KUGAHANGA KAWE TWARABAHINYUYE MWATANGUYE MUVUGA NGO UBUTEGETSI BUGIZWE NAKAGWI GATOYA NONE KAKAGWI NIKO KABANANIYE?KUMBE MURI TWIMUJERI MUTAMA NTIYABESHE.NIBA MURIBESHI HANYUMA MUKANANIGWA NAKAGWI MURIMIKOMA

  • sha ndaremye ntamututsi azoshobora ikiroberi...kurara hanze kwirirwa ubusa nibindi nibindi...aaaa!!!. nimubona ukuntu abatutsi bomugisagara bakwegewe nabanyaporitike bironderera ibibanza? ubu bibereye muzaburaya hama abanyagihugu basigaye barawota, babasigiye inkoho baca baritumukira. bantu bomuntara muragabe ntimwisamburireko!!!. murime mworore abiga bige abakora bakore....mubiyamirize izonkoho nibazigumize ibujumbura......

  • Igiporisituracemera Kukokirakoracanegose Akazicahawe Nikibandanirizaho

  • BIRAGOYE.NTAMUNTUYOJAMUKIROBERI,ITSIZINIKASHI,OOOOOO!!!! 

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.