IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Igisata c’ubworozi kiriko kirasubira kuvyuka

Bururi : Igisata c’ubworozi kiriko kirasubira kuvyuka

mercredi 11 Nyakanga 2013

Igisata c’ubworozi mu ntara ya Bururi carahuye n’ingorane zitandukanye muri iyi myaka iheze. Ibitungwa bimwe vyarahitanywe n’intambara, ibindi bishorwa n’aborozi bavyo, mu gihe ibindi wasanga vyagiye kubitswa mu bihugu bibanyi, ku gutinya ko ivyo bitungwa vyabo vyohitanwa n’intambara igihugu gihitiyemwo.

Ivyo bihe rero vyaratumye aborozi bacika inkokora, ubworozi buca buragabanuka muri iyo ntara. Uravye ukwo ibikorwa biriko biragenda mu gusubira kuvyura ico gisata c’ubworozi muri iyo ntara, biragaragara ko aborozi bafise umwete w’ugusubira kugira ibiyungwa mu mpongore. Ingorane z’ihona ry’ibitungwa rero ryarashitse mu ntara nka zose z’igihugu, ariko mu ntara ya Bururi mu karere ka Bututsi, ubworozi bukaba bwifashe neza ugereranije n’ubundi burere bugize iyo ntara nk’uko bivurwa na Bernard Habonimana, umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Bururi.

Abandanya avuga ko akarere ka Bututsi ari akarere kamye kari imbere ndetse mu gihugu nka cose mu bworozi bw’ibitungwa, ubworozi bw’inka bukaza imbere. Ariko rero muri iyo ntara ya Bururi abanyagihugu barorora intama n’impene, mu gihe igitungwa c’ingurube kitorowe cane.


Aristide Nizigire

Messages

  • nivy ubworoz bwarasubiy inyum arak atar can kand ub burik burasubir kuvyuk ikibaz tutabon nez nuk reta igomb gushing itegek ryuk atank izosubr kuj kumusoz! none mwumv nkumunt afis ink zireng cumi yozishr muruhongor

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.