IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Businde hahindutse ikibanza c’ibikorwa vya gisirikare

Businde hahindutse ikibanza c’ibikorwa vya gisirikare

vendredi 12 Mukakaro 2013

Ikibanza c’i Businde, umusozi Nyagatobo, komine Gahombo intara ya Kayanza, ari naco kibanza abayoboke ba Zebiya bahora baja gusengeramwo kuko bacita ceranda caraye gihinduwe bacitirira ikibanza abasirikare bazohora bakoreramwo imyimenyerezo. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’abajejwe umutekano ku rwego rwo hejuru.

Kuva ku munsi wa kabiri iyo ngingo ifashwe, abapolisi bari bacunze ico kibanza baciye bajanwa mu yindi mihingo mu bikorwa vyo gucungera umutekano w’abanyagihugu, abasirikare bakaba aribo baguma bahazanwa ku bwinshi.

Buramatari w’intara ya Kayanza, ku mboneshakure y’igihugu, ku munsi w’ejo yamenyesheje abahora baja gusengerayo ko basabwa kudasubira kwegera ico kibanza kuko hagiye gukorerwa ibikorwa vya gisirikare nk’imyimenyerezo n’imyiteguro y’abasirikare bazoba bariko bitegurira kuja guhagararira amahoro mu makungu.

Mu burongozi bw’intara ya Kayanza bakamenyesha kandi ko abazorenga iryo tegeko bazokurikiranwa bongere bahanwe hisunzwe amategeko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ngira nawe nu abo bayoboka umuntu bavyumvise, bakaramuka bashize munguvu naho; yemwe ngira bumvise ko ibintu vyahindutse, ntibaze biyahure! ariko rero kurundi ruhande abo bantu barakwiye kwengengwa mukubatahuza ico amategeko avuga kubijanye n’ ugusenga!

  • Ku bwanje, ko tuzi ko mu Burundi birekuwe gusengera aho ushaka n’uko ubishatse, ico kibazo ca Zebiya Abarongozi ba Ekleziya Katorika ntibari bakwiye kugifata minenerwe kuko mu Ntama bashinzwe n’uwo Zebiya arimwo hamwe n’abo, bamuyoboka; bohitondera rero bakaraba ntibahave bazimiza izo bajejwe kuragira.Nkundire nitize aya majambo nti ko barinze bihenda bakugurura kumugaragaro kirya kibanza ntivyari bibereye ko haba ukunyinyurana n’ukuryana, boja hamwe maze bakabiyaga kandi bagatahurana; kuko inguvu nk’izo ntizubaka zirasamura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.