IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Busoni : Basaba ko ababatuririye amazu boshengezwa

Busoni : Basaba ko ababatuririye amazu boshengezwa

samedi 8 Munyonyo 2014

Amazu y’abanyagihugu bari mu bwoko bw’abatwa baba muri site y’abateshejwe izabo iri mu Marembo muri komine ya Busoni yarahiye, akaba atanakimwe cashoboye gukizwa na banyeneyo.

Ayo mazu yahiye mw’ijoro ryo ku 5 Munyonyo, akaba atanakimwe abo batwa bashoboye gukiza. Mw’ishirahamwe rihuza abatwa, bakaba bagiriza abajejwe intwaro ko atanakimwe kiriko kirakorwa kugira abo banyagihugu batuririwe amazu, bamenye iyo nkozi y’ikibi. Musitanteri wa komine ya Busoni, akaba ahumuriza abari muri iryo shirahamwe.

Amenyesha ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira iyo nkozi y’ikibi imenyekane. Icihutirwa nk’uko uwurongoye komine Busoni yabivuze, akaba ari ugufasha abo batwa, bakaronka aho basubira gukika umusaya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.