IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abari mu myiyerekano bavuga ko basotorwa na Kazungu na (...)

Buterere : Abari mu myiyerekano bavuga ko basotorwa na Kazungu na Ayubu

lundi 4 Rusama 2015

Uruzitiro rw’urugo rwa komiseri mu giporisi Ayubu, rwahenuwe n’abantu bataramenyekana, urwo narwo, rukaba ruri muri komine ya Buterere.

Muri komine ya Buterere abanyagihugu bakaba bazindukiye mu myiyerekano, bakavuga ko basotowe na Kazungu ariwe asanzwe azwi kw’izina rya Niyonzima Joseph, aho yagiye gufata umuntu amwagiriza ko ariwe atanga ibisasu ntezwaminwe muri iyo komine. Kazungu rero nk’uko abo banyagihugu babivuze, yoba yari ajanywe n’umwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, agiye kwifatira uwo munyagihugu. Abantu baciye bashwabaduka, baranka ko Kazungu atwara uwo munyagihugu, kuko ku bwabo uwutwawe na Kazungu aba agiye gupfa. Abo banyagihugu bakaba baciye bavuga ko basotowe na Kazungu, kandi ko buca nabo bihereza amabarabara mu kwiyamiriza iryo sotorwa, co kimwe n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Abanyagihugu baho mu Buterere bakagiriza yaba Kazungu canke Ayubu ko bateza umutekano muke. Bavuga ko babagabishije, ko batabihevye, bagiye kuzirarira bakabifatira.


Aristide Nizigire

Messages

  • None uyokazungu nuwo, ayubu bigizutumana ntawasumvya datani nakagwi barikumwe ariko imana. Yamar imana yasamitsisi isi nayicirabamira nabandi nimubasengere yehova, agiye kubikora vuba babwire bihane bigishoboka kukwamaraso ntawoyigeza cungura. Ataramaraso ya yesu gusa yadunguye ntayandi dukeneye yesu mwese nabahindure. Mbega harinyungu mukwicana?? Kwababikira bapfuye bamazimyaka nkirya, ababishe mwibaza kobazoyimara hamwe nababatumye ingero yicaha nurupfu bakinda bagaramye baryama, amaruhiro twese tuzopfa ntawuzorusimba kifo hakikuragi ruchua hagarika kwicana mwese muribamwe!!!!!,,! Rekuburofa ntani???

  • None uwo kazungu ntabona ko gutoteza ikiremwa muntu ataho bizomushikana président yarakwiye kuva mu gacerere akavuga ijambo ry’umugabo ibintu bitarayangara kuko yaba kazungu n’abandi ntibazohamba ukuri kwabarundi

  • Harihabama bavugako abantubinyegeje inyuma yokuvugango biyabiriza kwitoza kwa perezida Nkurunziza ngokandi bifitiye izindintumbero bakabahakanya! Umva harihikintu nkunzekwumva kivurwacane kandikibazigihe citwango: Ntagutwarwa nabakanyeshamba, ngo aba polisi bavuye mwishambabose nabicanyi ngombere baranduje nabandi, bisiguriki? Bisigurako hariho abantu bishizemwoko batazigera bumvira uwowese yigeze kuba kanyeshamba. Arikorero murihenda, kukobamwe murimwebwe mwagirizabandi koba aye bakanyeshamba namwemwatanguye kurijamwo kandi muzorimaramwo imyaka itarimusi ya 50 Arikorero iyaba murabuva mwogabanya akokagaye mukazamurashirimbere ibiyago bitagenzegurtyo ishambamurarijamwo ntakibuza kandi amabi akorerwa mubihugu bimwe vyomubiyagabinini azocashirwa ahabona nabamwemubabohewe amaboko mumugongo babohorwe bongere kwidegemvya mubihuguvyabo vyamavukiro.

  • yooo!mbega merie yose igomba ibe iyo imigumuko nibareke agahengwe kaboneke yemwe mbega mubona concours izokorwa gute atabana biga canke merie izokora ikibazo munyuma impore igarutse ataruko nihagire uwuheba hagati ya president Nkurunziza nabo bagira imyiyerekano amasasu n’maraso bituzwe mu gisagara

  • Irijambo ngo:"uwuzotangura intambara ize ihere murugo iwe iherere iwe."bize bikurikirane uwaribwiye twebwe uruhinja tutari turizi nawe bize bimubere gutyo.

  • Emwendaziko imana izontindaigasubiza uburundikumurongo

  • Dushigikire amahoro abo bakwiragiza ivyo birwanusho bafatwe

  • Kazungu Nareke Kuko Nawe Nyene Afise Umubiri Nkuwabandi Nayahandi Bazomutoza Intoke Bamukorereko.

  • Ikir’ Imber Nugusenga Imana Kugira Idukur Muntambara

  • NDASHIMIYE ABOBANYAGIHUGU BAGIFATANYEMUNDA

  • JEWE MBONA YUKO KAZUNGU YOPFUMA YICWA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.