IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Amagerenade abiri yakomerekeje abatamenyekana igitigiri

Buyenzi : Amagerenade abiri yakomerekeje abatamenyekana igitigiri

vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par egide

Amagerenade abiri yatewe mu bibanza bibiri bitandukanye muri zone ya Buyenzi. Abakomeretse bose hamwe bakaba bataramenyekana.

Igisasu ca mbere ca gerenade catewe imbere y’ishami ry’ibanki INTERBANK, hafi y’isoko ya Ruvumera, hakomereka abataramenyekana igitigiri.

Gerenade ya kabiri yatewe aho nyene mu Buyenzi, naho abakomerekejwe n’ico gisasu bakaba bataramenyekana.

Mu giporisi c’Uburundi baheruka kumenyesha ko abafashwe bariko bahungabanya umutekano mu ndwi iheze biyemereye ko bariko babikora mu ntumbero y’ukwereka abashitsi bari bagendeye Uburundi ko umutekano udahari i Bujumbura.

Mu ndwi iheze, mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari mu rugendo mu Burundi, abagera kuri 20 nibo bakomerekejwe n’amagerenade 12 yatewe nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko mu minsi ibiri yonyene mu ndwi iheze, hatewe amagerenade 12 yica abantu babiri, abandi 20 barakomereka harimwo n’umusirikare. Abagera kuri cumi muribo abaka aribo bababaye cane.


IGIHE

Messages

  • Ubwicanyi ntaco bumaze baba abatwara baba ababarwanya mwese mumenye ko muva amaraso mutava amata, mureke kwica inzirakarengane!
    Yesu yavuze ati: uwicisha inkota azicishwa iyindi. Ayo maraso aho yakamenekeye nikera, harageze ko mwihana guhera kuvyakozwe nabasogokuruza bacu, noneho muhinduke amahoro n’iterambere, bigaruke.

  • NIBAGEZAHO AMAKUNGU YARAMAZE KUBONA KO IYO MANDA PIERI YAYIHAYE KUNGUVU NUBWO BAVYIRENGAGIZA MUGA BAKABA ARI IMBONERAKURE ZIRIKO ZIYATERA NUKURI ZIRIKO ZICAFUZA UMUGAMBWE SNDD FDD BAKABA ARI BASINDUMUJA BAYATERA NAHO NTACO BASHA BOKORA KUKO NUBWO HAZOBA MUMUTORA NTA MIGAMBWE YABA HUTU BAZOPFA BATSIZE NUBWO HAZOBA MUNTAMBARA ABAHUTU TURI NAMBA 1 BOROHEREZE BAZE BIGERAGEREZE BAREBE INDORE

  • Ikintu kimwe nico kizozana amahoro : kwugurukira ikigongwe c’Imana tukihweza Yezu Munyakigongwe. Amagerenade, ibiganiro. itayobowe na Mutima ari ivyo gucengana gusa sivyo bizozana amahoro.

  • Jew Nkumwenegihugu Iyo Mana Sindayemera Na0% Mugabo Mpanur Abo Batera Amagrenad Non Nimba Mutamwemera Abo Banyagihugu Mwica Mugiribimuga Murik Mubaziziki?Je Mbona Ko Mukoresha Ubujuju Hubwo Nibidashoboka Mwoyater Kukirimba Nayahandi Abo Mwica Wosanga Musangij Ivyiyumviro

  • Abobosebakorivyobashaka gutotezaabanyagihugu. Ntacobazoshikako. Twarabahinyuye

  • Abobashakakukoreranabibagenzi we Ntaco Bahindur Ariko Twizere Imanabizohera Ntanvuridahit Muga Uwoshakayobirekaguhungabanya Umutekanowabeneg hung Ok Murakoz

  • bangenzi banje jendumurundi ila niko tanzania ila icondovuga mube makn?jentakindovuga zaid yico.dukomeze gusengela uburundi make bugezekule

  • Ubwicanyi nkubwo butagirizina ntansiguro twobuha none uko niko kugwanya peter?eryo niterabwoba dutegezwa kugwanya abarundi twese dushaka amahoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.