Accueil > Amakuru > umutekano > Bwambarangwe : Bamwe mu banyagihugu baracatunze ibirwanisho batabifiye (...)
Bwambarangwe : Bamwe mu banyagihugu baracatunze ibirwanisho batabifiye uruhusha
mercredi 13 Myandagaro 2014
Musitanteri wa komine ya Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo, asaba abanyagihugu bose bagitunze ibirwanisho, kuvyikurako hakieri kare ibihano bitarafatwa.
Ivyo uwo mutegetsi akaba abivuze inyuma yaho, ku musozi wa Mukenke na Budahunga muri komine ya Bwambarangwe, hatorewe ibirwanisho biri mu bwoko bw’ibitezwa iminwe (Grenade). Uretse ivyo birwanisho vyatowe kuri uyu wa 11 Myandagaro uyu mwaka, hakaba n’ikindi kirwanisho catowe n’umuporisi w’igihugu, kiri muri ivyo nyene bitezwa iminwe, ibisandugu vy’amasase hamwe n’imyambaro y’impuzu za gisirikare, aho ivyo vyose vyari ku mu muhana w’umuntu, kuri uyo musozi wa Budahunga nyene. Musitanteri w’iyo komine akaba asaba abanyagihugu kwitandukanya n’ivyo birwanisho batunze batabifitiye uruhusha. Avuga ko ibihano bitegekanijwe kuri uwo wese atunze ikirwanisho ataruhusha abifitiye.
Mukamenya ko umugambi w’igihugu wo gukura ibirwanisho mu gihugu umaze kwegeranya ibitari bike, bimwe abanyagihugu bakaba bavyitangira ku bushake bwabo, abandi nabo, bakaba baravyatswe mu masakwa yagiye aratunganywa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano w’abanyagihugu.
Aristide Nizigire