IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwambarangwe : Bamwe mu banyagihugu baracatunze ibirwanisho batabifiye (...)

Bwambarangwe : Bamwe mu banyagihugu baracatunze ibirwanisho batabifiye uruhusha

mercredi 13 Myandagaro 2014

Musitanteri wa komine ya Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo, asaba abanyagihugu bose bagitunze ibirwanisho, kuvyikurako hakieri kare ibihano bitarafatwa.

Ivyo uwo mutegetsi akaba abivuze inyuma yaho, ku musozi wa Mukenke na Budahunga muri komine ya Bwambarangwe, hatorewe ibirwanisho biri mu bwoko bw’ibitezwa iminwe (Grenade). Uretse ivyo birwanisho vyatowe kuri uyu wa 11 Myandagaro uyu mwaka, hakaba n’ikindi kirwanisho catowe n’umuporisi w’igihugu, kiri muri ivyo nyene bitezwa iminwe, ibisandugu vy’amasase hamwe n’imyambaro y’impuzu za gisirikare, aho ivyo vyose vyari ku mu muhana w’umuntu, kuri uyo musozi wa Budahunga nyene. Musitanteri w’iyo komine akaba asaba abanyagihugu kwitandukanya n’ivyo birwanisho batunze batabifitiye uruhusha. Avuga ko ibihano bitegekanijwe kuri uwo wese atunze ikirwanisho ataruhusha abifitiye.

Mukamenya ko umugambi w’igihugu wo gukura ibirwanisho mu gihugu umaze kwegeranya ibitari bike, bimwe abanyagihugu bakaba bavyitangira ku bushake bwabo, abandi nabo, bakaba baravyatswe mu masakwa yagiye aratunganywa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano w’abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.