IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Abahora bagisibije mu kwiba batujijwe

Bwiza : Abahora bagisibije mu kwiba batujijwe

mardi 10 Ruhuhuma 2015

Mu kurwanya abasuma bari bamaze igihe bayogomvya komine ya Bwiza, musitanteri w’iyo komine avuga ko abanyagihugu bakorana n’abajejwe intwaro n’umutekano mu kubatuza.

Esperence Ngerageze musitanteri wa komine ya Bwiza akaba avuga ko abajejwe intwaro, abanyagihugu hamwe n’abajejwe umutekano bakorana neza, mu ntumbero yo gutuza abo basuma mu ma quartier yose agize iyo komine, rimwe na rimwe ndetse abasuma usanga bitwaje n’ibirwanisho. Amenyesha ko bamwe muri abo basuma bafashwe, ubu bakaba bari imbere y’abajejwe ubutungane. Umupfasoni Ngerageze akavuga ko quartier zose zigize iyo komine ko ubu zicungerewe, ndetse akavuga ko yishimira uko umutekano wifashe muri iyo komine kuva hijukiwe ugukorera hamwe n’abanyagihugu muri iyo komine.

Mukamenya ko komine ya Bwiza yari imaze igihe ivugwamwo abasuma bitwaza inkoho mw’ijoro, mbere bakaba banasahura abantu barengana cane cane nk’amafaranga, amaterefone ngendanwa, imigufu n’impeta biri mu butare buzimvye n’ibindi. Ubwo busuma rero bukavugwa ko aho bwari bwariraye cane hari muri quartier ya Jabe. Ariko nk’uko abanyagihugu baho babivuga, kuva iyo quartier ironkejwe ibirindiro vy’abaporisi ubwo busuma bukaba bwaraheze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.