IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Abantu babiri bishwe barashwe

Bwiza : Abantu babiri bishwe barashwe

mercredi 27 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu babiri bishwe barashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu muri zone ya Bwiza iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo bwicanyi bwakozwe n’abantu babiri bitwaje inkoho, bikavugwa ko bari abasuma, ariko bakaba ataco bagiye basahuye.

Abajejwe intwaro muri komine Mukaza bavuga ko hari nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro, aho humvikana inkoho. Yari abantu babiri bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa Pistolet bategereye imodoka (Taxi) yari igeze ku nzu y’uburaro (Hôtel Gloria) iri kw’ibarabara ry’indwi muri zone Bwiza. Abo bantu bitwaje inkoho bishe umugabo azwi kw’izina rya Gasongo, hamwe n’uwunguruza iyo modoka, Jean Paul NIYONZIMA. Bose bakaba bari bavuye mu bunywero bitwa Escotis busanzwe buri aho nyene muri zone ya Bwiza.

Abo bantu barashwe mu gihe umukobwa yari kumwe nabo yari yasohotse umuduga, ariko aradodora kuri iyo Hôtel. Abaporisi bakaba baciye baza gutabara, ariko basanze abo bagabo babiri bamaze kwitaba Imana. Uwo mukobwa yaciye afatwa, ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi babimenyesha.

Abanyagihugu b’aho muri zone Bwiza basaba abajejwe umutekano ko ibibanza bigenderwa n’abantu benshi, nk’ubunywero n’ahari uburaro (Hôtels) vyocungerwa, kuko bimaze kuboneka ko abagizi ba nabi bahategerera abantu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.