IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Umukenyezi w’icegera c’umushikiranganji wa mbere yanyurujwe

Cameroun : Umukenyezi w’icegera c’umushikiranganji wa mbere yanyurujwe

lundi 28 Mukakaro 2014

Umurwi w’intagondwa z’abasiramu bahurikiye mu murwi wa boko haram banyuruje umukenyezi w’umunyeporitike akomeye mu gihugu ca Cameroun.

Nk’uko aya makuru yemezwa n’igiporisi co mu gihugu ca Cameroun, umutambukanyi w’icegera c’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Cameroun Amadou Ali, akaba ariwe yanyururijwe mu gisagara kiri hafi y’urubibe igihugu ca Cameroun gihana na Nigeria, aho bita i Kolofata. Uwo mukenyezi rero, akaba yatwawe co kimwe n’umwe mu bamuherekeza, hamwe n’abaporisi babibiri bari bamucungereye ubuzima.

Muri iyi minsi, uwo muhari wa boko haram, ukaba utorohewe kuko ugirwako ibitero vyinshi n’abasirikare b’igihugu ca Nigeria, eka no muri Cameroun bakaba batagicaruka ryaka. Bakaba baviriwe hasi, mu gihe izo ntagondwa zari zagize ibitero vyinshi mu Buraruko bw’ico gihugu, abashika 20 mu barwanyi ba boko haram bagaca bafatwa mpiri, ubu bakaba bapfunzwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.