IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cendajuru: Umupolisi umwe yarakomeretse mu gitero c’abitwaje (...)

Cendajuru: Umupolisi umwe yarakomeretse mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

lundi 25 Ntwarante 2013

Umurwi w’abantu bagera kuri cumi na batanu bitwaje ibirwanisho barateye ikirindiro c’abapolisi mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2013 muri komine Cendajuru, mu ntara ya Cankuzo, aho umupolisi umwe yahakorekeye, aca ajanwa ku bitaro i Gitega.

Inkuru ziva mu gipolisi zimenyesha ko uwo murwi woba wari uje uva mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kandi ko wahatswe kwiba mu Misugi uca urateshwa uromoka.

Mu gipolisi bamenyesha ko bariko barakurikirana abo babisha, bagasaba abanyagihugu gukorana n’inzego z’umutekano igihe cose hagize ico bikanga.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.