IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yahakanye gufuta igikorwa c’ukwandika abazotora

CENI yahakanye gufuta igikorwa c’ukwandika abazotora

vendredi 12 Kigarama 2014

Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora wamenyesheje ko udashobora gufuta igikorwa c’ukwandika abazotora mu 2015, nk’uko wari wabisabwe n’imigambwe 18 yaheruka kwandikira uwo murwi. Muri CENI bavuga ko utunenge twibonekeje ataritwo twotuma ico gikorwa gifutwa.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2014, abanywanyi b’imigambwe cumi n’umunani (18) ikorera mu Burundi, harimwo n’abanyeporitike bigenga, nka Rwasa Agathon, umushingamateka Karori Nditije, bari bahanye isango ryo kuja ku biro vya CENI batwaye urwandiko bari bandikiye umukuru w’uwo murwi, aho bamusaba guhagarika iyandikwa ry’abazoja mu matora mu 2015. Umugwi ujejwe gutunganya amatora (CENI) wabamenyesheje ko ugiye kwiga neza ibiri muri urwo rwandiko, bakazoca batanga inyishu mu nyuma. Inyishu yatanzwe n’uwo murwi kuri uwu wa gatanu, n’uko ico gikorwa kidashobora gufutwa, kuko utunenge twibonekeje ataritwo twotuma ico gikorwa gisubirwamwo cose.

Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi w’umurwi CENI aremera ko hari utunenge twibonekeje mw’iyandikwa ry’abazotora, naho avuga ko bataravyiga neza, ariko akamenyesha ko utwo tunenge ataritwo twotuma igikorwa cose gisubirwamwo. Prosper Ntahorwamiye ati : "Nta nyambo itagira agahonzi."

Ku kikibazo c’ukumenya namba iyo migambwe 18 yari yandikiye CENI itohava ifata izindi ngingo harimwo n’ukuva mu matora, Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa CENI yishura ko azoba ari uburenganzira bw’iyo migambwe.

JPEG - 35 ko
Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi w’umurwi CENI

Tubibutse ko ikiringo c’ukwandika abazotora mu 2015 gisozerwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbese iryojambo gobafute ivyakozwevyose mwiyandikwa ryabazotora aba opose mwariryo bamunda gushirimbere? Burya uwovugako abiyandikishijebose bamwanikwe amazinayabo kuma Zones nokuma Commune sicobariciyumvirociza gusumba gufuta? Iyabandihafi notaguye kwitegura kuzokwitoreta utubanza borose , mwibuke muri 2010 hariho umigambwe yungukiye murukwo kwabajamumatora batateganijeko bashobora gutsinda canke bagatsindwa ugasanga mumitweyabo harimwongo mpakadutsinze ugiyerero mumatora umezeguryo ntahubutandukaniye nokuyajamwo usanuwurwaye.

  • Ibikenewe gukorwa na opposition:
    1. Murumvise inyishu ya CENI kandi mwari muyiteze.
    2. Tegura rero abanywani banyu. Ama syndicats, amashirahamwe SOC, urwaruka, abakenyezi, abadandaza, n’abandi.
    3. Musohore urwandiko numero 2 mumenyeshe abarundi n’amakungu ko muhaye imisi itanu CENI kugira yegeranye igikorwa cayo hunyuma yemere une commission de revision du fichier.
    4. Itavyemeye, tuje mwibarabara, mu mutekano. Muruhusha rumwe, CENI izoba yatanze imihoho. Nta gihugu na kimwe kwisi kitazodushigikira mu mugambi wacu wo kurwanya UBUSUMA n’umugayo. Nkurunziza abapolisi biwe ntibazoshobora guhangana n’isinzi ryabantu. Nta n’amahera yo kubagaburira afise. Une paralysie generale de Bujumbura va faire flechir abo basuma avérés.

  • Jewe ndakwemera ingene ugaya abHutu bose naba tutsi abatwa bose ??kuko igihugu nigwawe wenyene ??ara wakubare

  • URWO RUGABO ICO RWARIYE RURAGOWE

  • ichokigabo.chariyamahera,ngo,kinezereze,sended.ntikiziko,kiyariyenabi,azokimeninda,ayamatora,ntiwibazengo.namwe.mwiba,2010,uyumwaka.hadampfuye,umukozi.hazompfumukoresha.iyomitwe.arigukoresha,niyamitwe.bakoresheje.mumatora,2010.bichabigaragara,kukowiyandikishije,keshi.chankufisuburangamuntubwishi.nukuvuga.utorakeshi.kandutoreraahugombahose.kumwebatangaza.amjwi.yabantu.batabaho.nomuburundi.amajwiakabikirenga,nubu.idiru.niyobagomba,mugasamara.barabachamwo.nkambere.ichokigabonacho,ahokirikogihambuwomugambwe.nkaendwari.nduwimana.abonichokimwe,pitanawe,akararama,ngwamatoraazobameza,

  • Ceni,numugabo Wijunj N’ijambf.Ceni I Love You.

  • Amatora azoba meza kandi ntazohagarikwa! Mukinda mwubamye mwambara ubusa shauri yenu

  • Aho mwibiy amtora ntimuraza muhaga? akamenyero kica inkware.

  • Uyo mugabo ariyemera ndakeee...aho muri harabandi bashaaaaaaaa
    tekereza mwa ba DD MWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.