IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abarwanyi bw’umurwi seleka bahisemwo guhagarika (...)

Centrafrika : Abarwanyi bw’umurwi seleka bahisemwo guhagarika ibiganiro

mardi 22 Mukakaro 2014

Inyuma yaho basavye ko imbere y’uko baganira icari cose babanza kwemera ko igihugu ca Centrafrika cocikamwo kubiri, abarwanyi ba Séleka ntibitavye ibikorwa vyo kuri uno munsi wagira kabiri mw’ihuriro ryariko ribera mu gihugu ca Congo Brazzaville.

Guhera ejo ku munsi wa mbere, mu gihugu ca Congo Brazzaville hari hatunganijwe ihuriro bitiriye kunywanisha abanyagihugu rihuza impande zitandukanye, yaba abahuza hamwe n’impande zirwana mu gihugu ca Centrafrika n’abandi bantu batandukanye. Mu gihe abatari bake bari bizeye ko ivyo biganiro biza kugira ikintu bivuyemwo, abahoze ari abarwanyi ba seleka basavye ko imbere yuko hagira n’ikindi kintu baganira, bobanza kwemera ko igihugu cogaburwamwo kubiri. Abatari bake bakaba bibajije nimba ivyo bintu bibaye ari vyo vyotuma amahoro yoca agaruka.

Mohammed –Moussa Dhaffane, inimero igira gatatu mu bakuru babo bahoze ari abarwanyi ba séleka akaba ari nawe yari arongoye izo ntumwa zabo zagiye muri iryo huriro, mbere yabamenyesheje ko ari ikintu ca mbere bategerezwa kubemerera imbere y’uko hagira n’ikindi baganira. Ivyo rero vyabatangaje kuko ata narimwe ico cipfuzo cari bwigere gisohoka n’umunsi wa rimwe, ivyo rero bikahava bituma ibintu biguma gusumba, bituma n’ivyo biganiro bidatera imbere.

Tubamenyeshe rero ko kuri uno kabiri abo bahoze ari baarwanyi baseleka bahisemwo kutitaba ivyo biganiro, ibikorwa vy’iryo huriro navyo vyari bitegekanijwe mu minsi itatu bikaba vyaciye bihagarikwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.