Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Alexandre-Ferdinand Nguendet umukuru w’igihugu (...)
 Centrafrika : Alexandre-Ferdinand Nguendet umukuru w’igihugu mfatakibanza
 Centrafrika : Alexandre-Ferdinand Nguendet umukuru w’igihugu mfatakibanza
				
				mardi 14 Nzero 2014
Inyuma yaho uwari umukuru w’igihugu ca Centrafrika n’icegera ciwe batangiye imihoho kuko bivugiye ko ivyo kurongora ico gihugu bitaboroheye, haciye haba harashizweho uwundi na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro y’ico gihugu, mu kiringo c’imfatakibanza, uwo nawe akaba ari Alexandre-Ferdinand Nguendet.
Uwo mukuru w’igihugu mushasha rero akaba yasabwe gutunganya amatora mu gihe gito kitarenze iminsi 15, amatora yo gushiraho umukuru w’igihugu mfatakibanza yoshobora guhangana n’ibibazo vy’umutekano muri ico gihugu ca Centrafrika, inyuma yaho bigaragariye ko Michel Djotodia kuva ashitse ku butegetsi, igihugu kitatekanye, ahubwo akajagari, n’abanyagihugu batakaza ubuzima bagumye biyongera.
Alexandre-Ferdinand Nguendet ninde?
Alexandre-Ferdinand Nguendet akaba yavukiye mu Bumanuko bw’igihugu ca Centrafrika ku wa 23 Rusama umwaka w’1972. Yize igisata c’amategeko muri kaminuza y’i Bangui, mu nyuma aba umwigisha mw’ishure ryisumbuye. Yatanguye kwinjira mu vya poritike mu mwaka w’2003. Mu mwaka w’2005 yaratowe ku ba umushingamateka, mu nyuma agenwa kuba icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ku ntwaro ya François Bozizé.
Igihe reta Bozize itembagarijwe, yagenywe na Michel Djotodia kurongora inama nkuru y’igihugu vy’imfatakibanza. Alexandre-Ferdinand Nguendet akaba muri iyi minsi ariko ahumuriza abanyagihugu bari mu buhungiro mu mice itandukanye, abasaba gusubira mu mihana yabo, kuko abemerera ko amahoro n’umutekano bagiye kuvyitwararika bafashanije n’abasirikare b’Afrika bari kumwe n’abigihugu c’Ubufaransa, mu gutuza ubusuma n’ubwicanyi buri ahatandukanye mu gisagara ca Bangui. Alexandre-Ferdinand Nguendet akaba ari mu murwi w’abakiri bato mu vya poritike muri ico gihugu.
Aristide Nizigire
