Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Amatohoza agiye kuba ku rupfu rw’abantu 24
 Centrafrika : Amatohoza agiye kuba ku rupfu rw’abantu 24
 Centrafrika : Amatohoza agiye kuba ku rupfu rw’abantu 24
				
				mercredi 2 Ndamukiza 2014
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Centrafrika André Nzapayaké amenyesha ko abasirikare b’igihugu ca Tchad bishe abantu 24, bishuye abariko barabatera ibisasu ntezwaminwe.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ntwarante uyu mwaka, mu gisagara ca Bangui haca uwambaye, bivuye ku rudavagi rw’amasasu yatewe n’abaporisi aho abashika kiri 24 baciye bitaba Imana. Ivyo rero ko abasirikare b’igihugu ca Tchad bivunye abariko barabatera, bikaba vyemejwe n’abategetsi bo mu gihugu ca Tchad. Ariko rero abarwanyi ba anti balaka, bakaba bavuga ko abasirikare ba Tchad ahubwo barashe mu kivunga c’abantu, batigeze bishura ibisasu ntezwaminwe vy’abo barwanyi.
Amakuru akavuga ko abantu 24 bapfuye, nayo abandi benshi barakomereka, mu gihe amazu menshi yadometswe, arasha aratokombera, ibintu vy’abanyagihugu bihererayo. Amatohoza rero akaba agiye gutangura nk’uko umukuru w’ico gihugu Catherine Panza Samba yabimenyesheje, imbere y’uko afata indege yamushikanye mu gihugu c’Ububirigi.
Aristide Nizigire

Messages
3 Ndamukiza 2014, 13:39, par abou rayi
kuko ari Abakristu bapfuye amatohoza agora atangire,mbe abayislam bamaze gufa bangana iki?ko atagakoma?