IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Imirwano hagati y’ingabo z’Ubufaransa n’abantu bitwaje (...)

Centrafrika : Imirwano hagati y’ingabo z’Ubufaransa n’abantu bitwaje ibirwanisho

jeudi 21 Myandagaro 2014

Abantu bitwaje ibirwanisho nibo bamaze iminsi batana mu mitwe n’ingabo z’abasirikare bava mu bihugu vya Buraya, i Bangui mu gihugu ca Centrafrika.

Kuva ku munsi wa kabiri gushika kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Myandagaro, indwano zihuza abasirikare bava mu gihugu c’Ubufaransa bahurikiye muri EUFOR, zikaba arizo zimaze iminsi zibica bigacika. Ivyo bikaba biri uko, mugihe amakuru ava mu gihugu ca Centrafrika, quartier y’abari mw’idini ry’abasiramu batunze ibirwanisho kandi bama bahungabanya umutekano, batewe n’izo ngabo z’abafaransa, bica umuntu umwe, mu gihe abandi bane bakomeretse.

Izo ndwano ziguma zibica bigacika muri ico gihugu ca Centrafrika, zikaba zituma amakungu nayo aguma araba uko ibintu vyosubira mu buryo. Ivyo bikaba biri uko,mu gihe abasirikare mva makungu bo mw’ishirahamwe rya ONU bagera ku 7600 bitezwe kuri uyu wa 15 Nyakanga uyu mwaka, mu ntumbero yo gutuza uturwi twigize ndanse, mu kwica abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.