Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Imyerekano idasanzwe yahitanye umuntu umwe
 Centrafrika : Imyerekano idasanzwe yahitanye umuntu umwe
 Centrafrika : Imyerekano idasanzwe yahitanye umuntu umwe
				
				lundi 23 Kigarama 2013
Mu myiyerekano idasanzwe abanyagihugu bo muri Centafrika bariko baragirira hafi y’ikibuga c’indege, biyamiriza ubutegetsi bwa Michel Djodiya hamwe n’inteko mvamakungu, umuntu umwe yarahasize ubuzima n’abandi barakomereka.
Iyo myirekano yariko ibera mu gisagara ca Bangui kuri uyu w’Imana wa 22 Kigarama 2013, yatumye abasirikare bava mu gihugu ca Tchad barasa hejuru kugira bashwiragize abantu bariko baratera amabuye, amasasu amwe aca ahitana umuntu n’uwundi yakomeretse.
Abo bariko baragira imyiyerekano, abenshi bari abava mu madini y’abakirisu, bakaba bari bugarije irembo rija ku kibuga c’indege, basaba ko Michel Djodiya, umukuru w’igihugu ca Centrafrika vy’imfatakibanza yova ku butegetsi, hamwe ko n’inteko za gisirikare z’abanya Tchad zo muri Misca bova mu gihugu ca Centrafrika.
Bamwe muribo, bari bafise ivyapa vyanditsweko ivyivugo bivuga biti : "Turiyamirije inteko za gisirikare z’abanya Tchad, dushaka inteko z’abafaransa, ntidushaka aba Sereka (abahoze ari abarwanyi b’aba isiramu kuva mu mwaka w’2013)”.
Abasirikare bava mu gihugu c’Ubufaransa bakaba baciye bahaseruka, barakura ikiziga c’uwo yahitanywe n’amasasu hamwe n’abakomeretse. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Kigarama, umutekano ukaba wasa nuwari wagarutse.
Abanyagihugu bo muri Centrafrika batari bake bakagiriza inteko za gisirikare kuba zicuditse hamwe n’abahoze ari abarwanyi ba sereka. Kuri uyu w’Imana, igihugu ca Tchad kikaba camenyesheje ko abanyagihugu baco baba muri Centrafrika bageramiwe.
Mwokwibuka ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama hamaze gupfa abarenga igihumbi mu gisagara ca Bangui no mu ntara zo hagati mu gihugu, mu mishamirano yabaye hagati y’abakirisu n’aba isiramu, hamwe no mu mishamirano yabaye hagati y’abarwanyi ba Sereka n’abatavuga rumwe nabo.
Mariella Bukuru
