Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Ingorane ku bagwayi n’umurengera
 Centrafrika : Ingorane ku bagwayi n’umurengera
 Centrafrika : Ingorane ku bagwayi n’umurengera
				
				jeudi 28 Ntwarante 2013
Inyuma y’iminsi itatu imihari yitwaje ibigwanisho ihurikiye muri Seleka mu gihugu ca Centrafrika ifashe ubutegetsi ku nguvu, ibitigiri vy’abakomereka bibandanya kwiyongera mu bitaro vy’i Bangui umurwa mukuru w’ico gihugu. Ariko abaganga ntibiborohera kuko nta matara, amazi n’imiti biharangwa. Tubikesha bagenzi bacu bakorera ibinyimakuru vy’ubufaransa RFI na FRANCE 24 bahishikiye.
Naho umutekano usa n’uwuriko uragaruka i Bangui, ibitaro n’ibisata vy’intwaro ntivyorohewe kur’uyu wa gatatu, inyuma y’itembagazwa ku butegetsi ry’uwahora ar’umukuru w’igihugu Francois Bozize, yatembagajwe ku butegetsi n’abagwanyi ba Seleka.
Ubu igisagara nta mazi gifise, kandi naho umuyagankuba wagarutse mu duce tumwe tumwe tw’igisagara Bangui, biguma bigoye kuko ahakenewe cane nko mu kibanza bakiriramwo abagwayi ntawuhari. Abamenyeshamakuru ba France 24 barishikiye mu bitaro bimwe bikuru vy’ico gisagara aho abaganga baharanira amagara ya kiremwa muntu bagerageza gukora iboshoboka mu maguru masha kugira bakigingire amagara y’abarwayi.
Naho Michel Djotodia asigaye aramutswa Centrafrika yahamagariye abakozi ba Leta n’abikorera ivyabo kuja ku buzi, abajejwe amagara y’abantu bo bamwe bamwe barataye imirimo basiga abagwayi baremvye cane bonyene mu bitaro. 
Inyuma y’amasaha 72 ubutegetsi bwa Francois Bozize butembagajwe, abakomeretse bagumye biyongera. Abenshi muribo bakomerekejwe n’amasasu. Ariko, ibitaro vyagendewe n’abamenyeshamakuru ba RFI na FRANCE 24 bifise abaganga batandatu gusa, bafashijwe n’abaforoma, bakaba ata bikoresho bikwiye bafise vyo kuvura.
« Uwu mugwayi yashaka kwozwa mumaso n’utuzi dukeya, ariko naciye nubahuka ndamubwiza ukuri ko atamazi twari dufise ku bitaro », ivyo n’ibivugwa na Eric Gonda, umwe mu ba foroma. Yongera avuga n’umwanda mwinshi usigaye urangwa ivyo bitaro. Ivyumba vy’ibitaro vyaruzuye abagwayi kandi benshi muribo n’abarindiriye ko bavugwa, haraciye iminsi itari mike.
« Abaganga benshi ntibaje »
Muganga Chris Lepicard wo mw’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe afise impungenge nyinshi : « Uwu mugwanyi yaje kwikuza urusase rwamwinjiye mu maso haraciye imisi ine, ariko ntidushoboye tumufasha. » Yabandanije avuga ati : « Nta buryo dufise kandi ntituraronka n’abaganga. » S’iyo ngorane yonyene, no kubura imiti biratuma akazi gahagarara.
Abo baganga batabara imbabare barafise impungenge nyinshi ku barwaye hamwe ibintu vyoguma gutyo. Kubw’abo, atagikozwe mu maguru masha, abantu barashobora gutikira nkuko bimenyeshwa na muganga Edmond Djinhiba wo mw’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe.
Kur’uyu wa kabiri, ibitaro bikuru vy’i Bangui vyakiriye abagwayi 173. Mur’abo, 5 baciye bitab’Imana.
Gushik’ubu igitigiri c’abamaze kuhasiga ubuzima kuva zihindura imirisho muri Centrafrika kuw’Imana igenekerezo rya 24 Ntwarante ntikiramenyekana.
Mariella Bukuru
