Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Isengero y’abakatorika yatewe abantu benshi bahasiga (...)
 Centrafrika : Isengero y’abakatorika yatewe abantu benshi bahasiga ubuzima
 Centrafrika : Isengero y’abakatorika yatewe abantu benshi bahasiga ubuzima
				
				mercredi 9 Mukakaro 2014
Igitero cagizwe muri Cathedrale ya Saint Joseph i Bambari mu gihugu ca Centrafrika n’abantu bataramenyekana ariko bakekwa kuba ari abarwanyi ba siramu bitwaje ibirwanisho kiguma kiduga.
Muri ico gitero cagizwe ku mugoroba w’uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Mukakaro, abantu bagera kuri 22 akaba aribo bamaze kumenyekana ko bahaguye nk’uko vyemezwa na bamwe mu babibonye, ariko musenyeri Edouard Matos akavuga ko ari 17 gusa bitavye Imana. Umuri wateye iyo sengero ya Katorika, ukavugwa ko woba wari ugizwe n’abantu bagera kuri 50, babanje kwiyoberanya, ariko ko boba bari mw’idini ya Islam.
Uwo musenyeri akavuga ko ababateye, bakikuje inyubakwa z’isengero, bararasa, bariba, barabomora, eka akavuga ko amasasu yari menshi cane, gushika n’aho ikirimba c’uwo mukozi w’Imana catewe, kikanabomorwa n’abo barwanyi ba anti balaka, bagendera kw’idini rya Islam.
Ahmad Nejad, umuvugizi w’abo barwanyi, akavuga ko ivyo babikoze mu gukingira abanyagihugu.
Aristide Nizigire
