Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Kurungika ubutumwa bugufi kuri ngendanwa vyahagaritswe
 Centrafrika : Kurungika ubutumwa bugufi kuri ngendanwa vyahagaritswe
 Centrafrika : Kurungika ubutumwa bugufi kuri ngendanwa vyahagaritswe
				
				mercredi 4 Ruheshi 2014
Ivyo gukoresha ubutumwa bugufi bwandikwa kuri ngendanwa mu gihugu ca Centrafrika vyabaye birahagarikwa mu ntumbero yo gusubira kugarukana umutekano mu gihugu cose.
Ubushikiranganji bw’amaposita hamwe no gutumatumanako amakuru bumenyesha ko gukoresha ubutumwa mu gutumatumanako amakuru kuri ngendanwa vyahagaritswe kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 2 Ruheshi 2014 gushika basubiye gutanga uruhusha, nk’uko biri mw’itangazo ubushikiranganji bw’amaposita hamwe no gutumatumanako amakuru bwahaye abayobozi bakuru barongoye amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru kuri ngendanwa mu gihugu ca Centrafrique.
Ingingo yo guhagarika gukoresha ubwo butumwa buca kuri ngendanwa yafashwe bisabwe n’umushikiranganji wa mbere, nk’uko biri muri iryo kete. Iyo ngingo ikaba ije inyuma yaho habereye ubwicanyi mu gisagara ca Bangui mu ndwi iheze, mu gihe hari akamo kari katewe ko guhagarika imirimo mu gihugu cose, Reta igatinya ko abanyagihugu bashobora gukoresha ubwo butumwa bugufi muguhamagarana mu migumuko.
Iyo ngingo kandi ije inyuma yaho umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, André  Nzapayeke ateye akamo ku munsi w’Imana ko gusubira ku mirimo, inyuma y’iminsi itari mike abanyagihugu bari mu myiyerekano mu gisagara i Bangui.
Mu gihe rero hari uwugerageje kwandika ubutumwa bimwe bita message abicishije ku muhora Orange ukoreshwa mu gihugu ca Centrafrique, hishurwa ubutumwa bugira buti : "Burabujijwe" (SMS interdit)
Floxella Karire
