Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrique: Francois Bozize yakuwe ku butegetsi
 Centrafrique: Francois Bozize yakuwe ku butegetsi
  Centrafrique: Francois Bozize yakuwe ku butegetsi  
				
				lundi 25 Ntwarante 2013
Inyuma y’imyaka cumi agiye ku butegetsi, François Bozizé akombowe uko nawe nyene yaje ; biciye mu nzira y’ibirwanisho. Michel Djotodia, umukuru w’umurwi urwana Séléka, yafashe ubutegetsi bwo muri Repubulika ya Centrafrika.
Uwo mukuru w’umurwi Séléka yategerezwa kwerekana ko yafashe ubutegetsi kuri uyu wa mbere, ariko tubiravye neza, dusanga ivyo yabikoze ejo inyuma y’ibitero bibiri yakoze mu gisagara ca Bangui aho yifatiye igisagara, vyatumye Francois Bozize ahunga igihugu. Tubibutse ko uno nawe ubutegetsi yari yabwatse Ange-Félix Patassé, muri 2003. Uwo akaba ari umukuru w’igihugu agira kabiri akuwe ku butegetsi biciye mu ntambara, mu kiringo c’imyaka cumi gusa !!!
Michel Djotodia aturuka mu buseruko bw’ico gihugu akaba avuga n’indimi nyinshi z’ico gihugu. Yaragerageje gukora politike, aho yitoje kabiri kose mu matora y’abashingamateka mu ntara ya Vakaga ariko ntiyashika.
Mu nyuma yaho, yarakoze mu buserukizi bwa Centrafrika i Nyala muri Soudan, igisagara yahuriyemwo n’abarwanyi bo mu gihugu ca Tchad ahava afata akarorero kabo. Muri 2006, niho yashinga umurwi wiwe witwa(UFDR : Forces Démocratiques pour le Rassemblement)
Egide Nduwimana
